Ivyo guhezagira igishushanyo

Twarabiye hamwe uguhezagigwa kw'igishushanyo c'izahabu umwami Nebukadineza yari yahagaritse. Muguhezagira ico gishushanyo abatumiwe bose bategerezwa kwikubita hasi bagasenga ico gishushanyo bumvise amajwi y'inzamba n'ibindi vy'umuziki vyavuzwa. Twabonye ko umwami yashinze igihano gikomeye ku bantu bose batazokwikubita hasi ngo basenge ico gishushanyo c'izahabu ariko abasore batatu b'Abaheburayo ntibikubise hasi ngo bagisenge kuko ijambo ry'Imana rivuga ngo ntugasenge izindi mana n'ayandi majambo akurikira.