Twarangije inyigisho ziri mu gitabu c'uwavugishwa n'Imana Amosi.Ivy' Imana ivuze irabishitsa. Uratinya ico Imana ivuze, iyo Ab'Isirayeli bafata nka nkama imburi zaciye mu kanwa k'abavugishwa n'Imana ntibari gucirwa kw'iteka , bari kuguma bahangamye mu mahoro n'imigisha mu gihugu bahawe n'Imana. Ariko ingorane bagize nuko batituye ntibagume mu kwizera kw'ijambo ry'Imana. Iyo Imana ivuze , naho vyoteba bizoshika , Imana rero yaravuze ko izohana abanyavyaha, mbega wewe woba waravuye mu vyaha?
Igihano Imana yagereye Siriya
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye