My360 Helper


Imana ishwiragiza Ab'Isirayeli

Twarangije inyigisho ziri mu gitabu c'uwavugishwa n'Imana Amosi.Ivy' Imana ivuze irabishitsa. Uratinya ico Imana ivuze, iyo Ab'Isirayeli bafata nka nkama imburi zaciye mu kanwa k'abavugishwa n'Imana ntibari gucirwa kw'iteka , bari kuguma bahangamye mu mahoro n'imigisha mu gihugu bahawe n'Imana. Ariko ingorane bagize nuko batituye ntibagume mu kwizera kw'ijambo ry'Imana. Iyo Imana ivuze , naho vyoteba bizoshika , Imana rero yaravuze ko izohana abanyavyaha, mbega wewe woba waravuye mu vyaha?