My360 Helper


Ingene Imana izocira imanza abizera n'abatizera

Twabonye ko Kristo yatubabarijwe mu mubiri. Kubw'ivyo, yihanganiye umubabaro ari mu mubiri. Ukubabazwa kwa Kristo ari mu mubiri yikoreye igihano c'ivyaha vyacu. Dukwiye kugira akameremere nka ka Kristo .Uwufise akameremere ka Kristo ntaguma muri kameremere k'umubiri. Kwitwararika ivy'umubiri kuzana urupfu. Tugira imibabaro kugira ngo itwigize kure y'icaha , itugarukane hafi y'Imana. Kristo azocira urubanza abizera n'abatizera mu gihe c'iherezo, nico gituma Petero asaba abizera kudahugumba no gushishikara gusenga. Dukwiye kuba abanyabwenge muri iyi si. Nk'abakristo turakwiye gukundana hagati yacu, urwanko ruvyara intonganya mw'ishengero, mu miryango no mu bantu, urukundo na rwo rufuka ivyaha vyinshi. Dukwiye gutanga indaro tutidodomba. Imibabaro canke ibigeragezo bidushikako atari ibidasanzwe, dukwiye kumenya ko ivyo ari ibisanzwe mu bugingo bw'umukristo kandi ko Imana ireka kugira idukangure , idukangurishije ibigeragezo, natwe tubone kurema no kurama twegereye hafi y'Imana.