Ukwo umubabaro uzana itandukaniro

Twarabiye hamwe umubabaro w'abera n'umubabaro wa Kristo. Twabonye ko imibabbaro izana itandukaniro. Itandukaniro rero si ukuvuga ko twitandukanya tukava mw'isi kandi tukiri mur'ubu bugingo, ni kimwe gusa n'ukwiyambura inzigo yose n'ubugunge n'uburyarya n'ishari n'ibindi bitari mu kugomba kw'Imana, aho niho tuba tugize itandukaniro n'abandi. Twabonye ko dukwiye kumera nk'inzoya zivutse vuba twipfuze amata y'ivy'impwemu. Nk'abakristo twabonye ko dukwiye kwipfuza ijambo ry'Imana kugira ngo ridushikane kugukura nyakuri. Dukwiye kwubakwa nk'amabuye afise ubugingo kugira ngo tube inzu yo mu buryo bw'impwemu kuko abizera bose ari amabuye mato yubakishijwe inzu yo mu buryo bw'impwemu. Twarabonye ko turi abaherezi kandi ko dutegerezwa gutanga ibimazi vyo mu buryo bw'impwemu, bishimwa n'Imana kubwa Kristo Yesu.