Intangamarara y'icete

Twabonye intangamarara y'icete ca mbere ca Petero. Muri iyo ntangamarara twabonye ko Simoni Petero ariwe yanditse iki cete kandi tubona ko Petero yari intumwa ya Yesu Kristo. Iki cete yacandikiye Abayuda bari basanzariye mu bihigu bitandukanye vyo mu bwami bw'Ubwami bw'i Roma. Twabonye ko uyu Petero yagizwe umuhirwe na Kristo kuko yahishuye Yesu uwariwe mbere Yesu Kristo yaciye amubwira ko kuri we hazokwubakwa itanguriro ry'Ishengero ryiwe. Petero yari asanzwe ari umurovyi imbere yuko aba intumwa ya Yesu. Amaze kubonanan na Yesu akaba intumwa yiwe yabaye umurovyi w'abantu. Twarabonye ko izina Petro ari Petros risobanugwa "Ibuye". Petero rero avuga ko uwizera wese ari "ibuye". Naho izina rya Petero ryama riza imbere mu mazina y'izindi ntumwa, Petero ntiyigize yishira hejuru, Petero ntiyigeze yishira hejuru y'izindi ntumwa. Petero yanditse iki cete ari i Baburoni hagati y'umwaka wa 64 na 67 inyuma y'ivuka rya Yesu Kristo igihe c'ihamwa ry'Abakristo bahamwa n'umwami Nero yari ku ngoma. Bivugwa ko Petero yishwe kubera iryo hamwa. Twarangije rero intangamarara tubonye ko intumbero nkuru yi co cete ari ivyizigiro rukristo mu gihe c'amarushwa , igihe c'amageragezwa.