Ikiza c'inzige

Mu cigwa cacu giheruka, twakomeje kurabira hamwe ibindi bintu Imana yasavye Ab'Isirayeli gukora mu gihe c'ikiza c'inzige. Yababwiye ngo bashinge igihe co kwisonzesha batangaze hose habe ikoraniro ry'agahebuza. Abashingantahe nabo bakoranye ababa mu gihugu ngo baze mu ngoro y'Uhoraho batakambire Uhoraho kuko ar 'Imana y' Inyembabazi. Twararabiye hamwe kandi umunsi w'umuntu , twabonye ko umunsi w'umuntu ari umunsi canke igihe umuntu ari we aca amateka. Twabonye ko uwo musi ariwo turimwo mu gihe ca none. twararavye kandi umunsi w'Uhoraho. ubwambere twabonye ko umunsi w'Uhoraho ari umunsi w'amarushwa ahambaye, Yoweli yavuze ko uwo munsi uzoza ari umunsi wo guhona , umunsi w'agatikizo hanyuma twabonye icarico umunsi w'Umwami Yesu Kristo. Vyongeye twarashishikaye turabona ko umunsi w'Uhoraho canke umunsi wa Yesu Kristo ari aho Yesu azozira gutora ishengero ryiwe ngaha kw'isi. Yoweli atubwira ko iki kiza c'inzige cashitse mu gihugu ca Isirayeli cashitse ku kintu cose cari gifise ubuzima mu gihugu.