Abakristo bavyawe ukundi gusha

Twasomye icete canditswe na Yakobo 1:16-19. Twarumvise ibintu bimwe bimwe vyerekana umuntu yavyawe ubwa kabiri kubw'ijambo ry'Imana : gutanga n'umutima ubikunze, kwirinda kuraka, ivyo vyose n'ingendo ziranga umukristo w'ukuri. Twibukanije ivyanditse muri iki cete ca Yakobo 1 :19,havuga ngo : ivyo murabizi bene data nkunda, yamara umuntu wese niyihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka, igikuru dukwiye kwihutira kwumva ni ijambo ry'Imana.Biboneka ko hari abakristo benshi bihutira gushinga intahe no kuvuga ijambo ry'Imana kandi batararimenya mbere bakiri bato mu kwizera . Nivyiza kwihutira kwiga no kunonosora ijambo ry'Imana imbere yo kuryigisha abandi. Bitayeko mu bugingo bw'umukristo hakwiye kwirinda akarimi karekare kandi hakihutirwa kwumva no kumenya ivy'Imana igomba. Ikintu twumvise umukristo ategerezwa kwirinda n'ugushavura. Twasomye ngo atebe kuraka, dutegerezwa kwirinda amajambo yose y'ibihari yotuma turaka naho kwoba ari uguharira kuvy'Imana.Izo mpanuro zose nizo kudufasha kwirinda ibidutandukanya n'Imana.