Tumaze iminsi tuganira kuvyerekeye amageragezwa ashikira abantu b'Imana. Tukiri muri iy'isi amageragezwa ntazoreka kudushikako ariko ni ahacu kuyihanganira. Twibukanye yuko hari amageragezwa y'uburyo bubiri, ubwa mbere hari amageragezwa y'ingorane canke amarushwa umuntu acamwo muri ayo mageragezwa umukristo ntakwiye kwihebura canke ngo arogote ku Mana kuko ntiba imwanse iba imubona (Yakobo 1:3) . Ubwa kabiri hari amageragezwa y'inyosha mbi mu mutima kugira ngo umuntu akore icaha. Imana rero si yo itugerageresha gukora icaha , iyo umuntu aneshejwe n'izo nyosha mbi, aba asutswe n'ivyipfuzo vyiwe (Yakobo 1: 13) Imana rero siyo itugerageresha gukora icaha, iyo tugeragejwe tukagwa mu caha tuba dusutswe n'ivyipfuzo twipfuza nico gituma handitswe ngo (Yakobo 1:15). Umuntu akora icaha aba ariko arikwegera urupfu.Icaha rero kidutandukanya n'Imana.
Ab'Isirayeli batagira umwami
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye