Ivyiza biva mu kwihangana

Twaganiriye ku vyo kwihanganira ibitugerageza, ibitugerageza bidutera kwihanagana nakwo ku kaba ari icamwa ca mpwemu year. Twarumvise ko ibitugerageza atari bibi, kuko ngo umuntu avyihanganira gushika kwiherezo, azohabwa igitsibo c'ubugingo ico Imana yasezeraniye abayikunda. Twarumvise ko amageragezwa ari uburyo bubiri. Hari amageragezwa y'ingorane ariyo mibabaro abantu bacamo kandi bagashobora kuyigishirizwamwo ukwihangana bakarushirizaho kwegera Imana . hari n'amageragezwa y inyosha mbi z' umurwanizi yosha abantu gukora ibibi.Imana rero siyo igerageresha abantu gukora ibibi nkuko Yakobo abivuga (Yakobo1:13).