Twumvise ijambo ry'intangamarara rijanye n'icete canditswe na Yakobo duca turihweza ivyanditswe mu mirongo itatu ya mbere y'igice ca mbere.Twabonye ko Yakobo yanditse ico cete acerekeje ku b'Isirayeli basabagiye mu mahanga yose kugira ngo abaremeshereze mw'ijambo ry'Imana. Twashimikiye kw'ijambo ryo kwihanganira amageragezwa kukaba nkako Imana irazi ivyo ducamwo vyose n'igituma biba bishitse.Twarabonye ko hari aho Imana ibireka kugira ngo bitwigishe ukwihangana kandi ngo bitugirire akamaro muri kazoza kacu(Yakobo 1:3)
Hoseya arongora Gomeri maraya
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye