Isirayeli ihinduka umuzabibu utotahaye

Twarabiye hamwe ukuntu Isirayeli yahindutse umuzabibu utotahaye wama imbuto zawo. Twabonye ko abami n'abaherezi ataco bamariye abantu mu kubarongora ku Mana. Twabonye ko abantu bavuga amajambo y'amarogotano , amajambo atagira ikimazi, amajambo adafasha, amajambo atarongora abantu ku Mana. Ikindi twabonye nuko abantu bishimira itunga ryabo n'abahizi babo aho kwishimira Imana. Kubw'ivyo, twabonye ko urubanza ruzobashikako , Imana izobahana ibakure mu gihugu cabo ibarungike mu gihugu c'inyagano . Twabonye ko iyo umuntu abivye icaha y'imbura icaha , iyo ubivye ivy'impwemu wimbura ivy'impwemu nyene . Ab'Isirayeli rero babivye icaha bimbura igihano cabashitseko . Ariko naho twabonye ko Imana yahanye Ab'Isirayeli ntuyabahevye gose, twabonye ko izobagurukana mu gihugu kubw'urukundo rwayo.