Ab'Isirayeli batagira umwami

Twarabiye hamwe ukuntu ab'Isirayeli bamaze iminsi myinshi batagira umwami, batagira uwuganza , batagira ikimazi , eka mbere ata n'inkingi y' ikigigwamana iharangwa.Twabonye ko kubw'ivyaha vyabo batwawe nk'inyagano bamara iminsi myinshi yamara bazogarukanwa mu gihugu cabo. Bazogaruka barondere Uhoraho Imana yabo. Twarangije icigwa tubonye ukuntu Isirayeli yatsinzwe n' urubanza imbere y'Imana kuko yarenze ku vyagezwe vy'Imana.