Dutumbere Yesu wenyene

Uwandikiye Abaheburayo yarerekanye ko Yesu wenyene ari we nzira yo kudushikana kuri Data wo mw'ijuru. Aravuga ngo dutumbere Yesu wenyene kandi twiyambure ivyo vyose vyoturemera kandi turi mw'ihiganwa. Imana iragomba abakristo babandanya urugendo ata gucika intege, kuko bazi ko impera yabo iri imbere.