Abandibenshi babaye abahizi mu kwizera

Hari abantu benshi berekanye ukwizera kwabo, bamwe bakavyerekanira mu kunesha intambara baciyemwo, abandi bakemera kubabazwa kubw'ukwizera kwabo. Abo bose Imana irabashingira intahe, ariko ntibarahabwa ivyasezeranywe vyo gutunganywa rwose kugeza aho tuzoba twaramaze gushika mw'ijuru kugira ngo tubihererwe hamwe