Ukwizera kwa Isaka, Yakobo, Mose na Yosuwa

Isaka yahezagiye Yakobo na Esawu muu kwizera nta migisha ya buno nyene yari abafitiye. Yakobo na we nyene yahezagiye abana biwe n'aba Yosefu kuko yari yizeye Imana atakiri umubeshi nka kera. Yosefu Yagumye ari umwizigirwa kuko yari yizeye Imana iri kumwena we. Hanyuma kubw'ukwizera asaba ko amagufa yiwe azojanwa mu gihugu c'isezerano. Mose na we amaze kuvuka abavyeyi biwe baramunyegeza mu kwizera, kandi kanatsinda Imana yari imufiseko umugambi munini. Yosuwa na we ategekwa n'Imana uko bazonesha Yeriko bibanje guca mu kuzunguruka igisagara, aravyizera, kandi bica birashoboka