Ikimazi Kristo yatanze kiruta ibindi vyose vya Mose

Mu bimazi vyatangwa n'Abalewi hari icibukiriza ivyaha uko umwaka utashe. Ingorane nuko ivyo bimazi bitatuma umuntu aheba ivyaha. Iyaba vyarashoboka baba bararetse kubitanga. Ariko ikmazi Kristo yatanze ni umuti ku caha kuko uwakiriye agakiza vy'ukuri ntasubira kugira inyota y'ivyaha.