Yesu yitanzeko ikimazi gikuraho ivyaha

Abakurikiye ivyagezwe vyo mw'isezerano rya Kera vyaba ivyo gutanga ibimazi canke ukwihumanura mu kwiyuhagira, ivyo vyose vyose yari amabwirizwa yo mu buryo bw'abantu gusa. Vyari ibigereranyo vy'ingene Yesu azoza akitanga akicwa atanzweko ikimazi rudende gikuraho ivyaha.