Kristo niwe muherezi wacu mukuru aruta Abalewi

Twize ku gikorwa c'ubuherezi c'umwami wacu Yesu Kristo, twarabonye ko ariwe muherezi wacu mukuru aruta Abalewi. Igicaniro yadutangiweko ni ku musaraba I Gologota aho yapfa azira ivyaha vy'abari mw'isi bose. Satani we yagomba ko yesu yopfa mu bundi buryo butari ubwo kudupfira ku musaraba, ariko Yesu yaciye asenga ngo Imana imurenganye urwo rupfu ashike nyabuna k' umusaraba nk'uko vyari mu nteguro yo kuducungura , tubibona aha muri ikicete c'Abaheburayo 5:7