Ivy'uburuhukiro bw'Imana

Twarabiye hamwe ivy'uburuhukiro bw'Imana nico twokora twebwe kugira tubushikemwo. Ikidukwiye twabonye n'ukwizera ijambo ry'Imana tukayumvira muvyo itugera vyose. Twarabonye kandi mu Abaheburayo 4:12 ivy'ububasha bw'ijambo ry'Imana . Uwo murongo uvuga ngo: kuko ijambo ry'Imana ari rizima rifise ubukuba ,rifise ubugi buruta ubw'inkota zose, rikinjira naho ritanya ubugingo n'impwemu, rigatanya ingingo n'umusokoro, risuzuma ivy'umutima wiyumvira ukagabira. Iryo jambo rero ko rifise ububasha , rikagira ubugi kandi rikaba ariryo risuzuma ivy'imitima yacu yiyumvira, abana b'abantu nta burenganzira bafise bwo kurisuzuma no kuritora amakosa ahubwo dukwiye kuriha ikibanza nyabuna rikaba ariryo ridutora amakosa kugira ngo duheze duhungire muri Kristo Yesu adukize.