Ingorane zashikiye Ab'Isirayeli kubera kutumvira Imana

Twarabiye hamwe ingene ukutizera kwabereye Ab'Isirayeli inkwezi y'amarere. Imana yababajwe n'ukubona ingene bagiye bayigabagabira bakanka kwumvira ivy'ibagera vyose kandi nayo yarabakunda. Twasanze ukutizera arikwo kwatumye abari bavuye muri Egiputa barongowe na Mose batashitse mu gihugu c'I Kanani bari barasezeraniwe n'Imana. Turibuka ingene bari baracumukuriye muri Egiputa aho bari abaja maze Imana ikabakuzayo ukuboko kwayo kw'inkomezi ngo baje I Kanani aho yari yabateguriye igihugu c'uburuhukiro ariko twarabonye akaga ko kutizera dusomnye muri iki cete ca 3 :18-19.