Ntitugire umutima mubi w'ukutizera

Twarihweje akaga kava ku kutizera. Ijambo ry'Imana riravuga yuko umutima utizera ar'umutima mubi. Heb 3:13, umutima mubi utizera utera kureka Imana. Dutegerezwa guhanurana ubudahengeshanya twisunze ijambo ry'Imana, ijambo ry'Imana niryo rifasha abantu kwitandukanya n'ivyaha .Heb 3:13 Imana kuva na kera yamye ibabazwa n'uko abantu bayo bagira imitima ikomantaye ituma batitaho kwubahiriza ico ijambo ryayo rivuga. Uwandikiye Abalewi yarabivuze: Abarewi 3:15. Ayo n'amajambo akomye ku Balewi no kuri twebwe twumva ijambo ry'Imana uyu musi.