Ico Imana igomba ku bantu bayo bumva ijambo ryayo

Ubuheruka twumvise ivy'ububasha buhambaye bw'Umwami Yesu kandi tukabona n'ukugene aruta Mose. Twarumvise yuko Umwami Yesu ariwe muherezi mukuru yatwitangiye ko ikimazi c'ivyaha vyacu. Akaga ni ku bantu banka kumwizera kandi birigwa barumva ivy'inkomezi yakoze, abo rero baba banse kwinjira mu buruhukiro bw'imitima . Ukutizera nikwo kwatumye Imana igirira umwikomo ab' Isirayeli bavuye muri Egiputa ikabamarira mu bugaragwa ntibashike mu gihugu c'isezerano. Bamaze kurengana umusozi Sinayi , bagiye gutuma abatasi ngo baje gutata igihugu Imana yabasezeraniye babura kuyizera no kubandanya urugendo nk'uko yari yabategetse . Abatasi batumweyo Imana yarabaretse bashikiriza bagenzi babo inkuru z'agacavutu zivuga yuko badakwiye gupfa kwisukira mu gihugu c'isezerano kuko hariyo ibigabo vy'ibigatanya vyohava bibabera intambamyi. Urwo ruganwe rero rwose Imana yaciye iruzingira muri ubwo bugaragwa ruhonerayo nayo mu gihugu c'isezerano hashikayo abana n'abuzukuru babo. Ukutizera rero kw'ab'Isirayeli kwababereye inkwezi y'amarere.