Twarabiye hamwe ingene Kisto aruta Mose twishimikije muvyanditswe mu cete candikiwe Abaheburayo 3:1-6. Twarumvise ubwambere yuko Kristo ari umwana w'Imana nayo Mose akaba umushumba wayo . Kristo n'umuremyi ariko Mose akaba icaremwe. Abo bompi uko ari 2 vyanditswe ko bayobokeye Imana kandi bakaba mu rugo rwayo ariko bari batandukanye, twibuke amajambo yanditswe muri iki gice ca 3:6 . Abizera ijambo ry'Imana bakakira Umwami Yesu mu bugingo bwabo basangiye ihamagagwa riva mw'ijuru, abo nibo babangirije ubushizi bw'amamanga no kwirata ivyizigiro vyabo abo nibo kandi bitwa abo mu rugo rw'Imana.
Daniyeli abandanya iyerekwa.
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye