Ivy'icubahiro gihambaye ca Kristo

Twumvise ingene Kristo azoganza isi izobaho. Twarumvise ko iyo si ivugwa ari iyi nyene turimwo ariko Umwami Yesu akazoyisagazamwo amahoro ntangere aho azogarukira gushinga ubwami bwiwe. Abamalayika bo ngo ntibigeze bahabwa kuganza ahubwo bamye ari abakozi bo gutumwa gusa. Eka no mu gihe kizoza nt'amasezerano ahari yuko abamalayika bazoganza hano rero twongeye kubona ingene Kristo aruta abamalayika.