Ivy'icubahiro ca Kristo

Twarumvise agace k'ingene Kristo afise icubahiro ntangere. Ukuza kwa Kristo kwabaye uguhishugwa gukomeye kw'Imana. Uwo Kristo ni Mana yigize umuntu agaheza akaza kw'isi akabana n'abantu asa nabo. Imbere yuko Kristo aza, Imana yabaririye abantu mu kanwa k'abavugishwa nayo ivyo yagomvye kubamenyesha , ariko muri Kristo , niho habonetse uguhishugwa gukwiye kw'Imana. Ivyo Kristo yigishije hamwe n'ibitangaza yakoze vyari ibiva ku Mana ndetse yari Imana iriko iravugana n'abantu imbonankubone naho benshi batabitahuye abandi nabo bakabirwanya . N'uyu musi abantu bakomeza kwumva ubutumwa bwiza bakabufata minenegwe abandi bakaburwanya ariko ntibashobora guhindura integuro y'Imana.