Twrabiye hamwe ivy'antikristo, twabonye ko antikristo azokwishira hejuru akigira imana. Uyo antikristo azokwigira imana asaba ko isi yose imusenga nk'Imana nzima . Twabonye kandi ko azoganza amahera yose canke ubutunzi bwose bwo kw'isi. Abantu benshi rero bazomushwarako cane cane abo bibiliya yita "Aribuwa n'abanyetiyopiya . Twabonye ko mu gihe antikristo azoba aganza isi yongera agenzura n'ubutunzi bwose bw'isi nta muntu azoshobora kugura canke gushora ikintu adafise ikimenyetso mu kiganza c'ukuboko kw'iburyo canke mu ruhanga rwiwe . Twabonye ko azomara igihe gito kuko azosenyurwa n'ukuza kw'Umwami Yesu Kristo
Inzozi za Daniyeli n'insobanuro yazo
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye