Ibindi bitangaza Elisa yakoze

Elisa yatumye incabiti ireremba ku mazi, yataye uruhumyi mungabo z’i Siriya igihe zari zigiye i Dotani. Hanyuma umwami Benihadadi atera igisagara c’i Samariya, acicisha inzara.Umwami w’Abisirayeli ashavura, agomba kwica Elisa yibaza ngo ni we atumye haba inzara. Ariko Elisa yaciye asezeranira abantu ko bagiye kuronka ivyo barya bikwiye.