Twihweje icarico ugufatanya n'Imana. Twasanze ugufatanya n'Imana ari ukwemera kugendera mu muco w'ijambo ry'Imana. Uimuco rero utandukanye n'umwiza kandi umuco wirukana umwiza, umwiza nawo niko kuko ugwanya umuco ahubwo ugwanya Imana. Twarabonye mu majambo y'Imana twasomye muri 1 Yohana 1 : 6, ntamahoro ku bana b'Imana bagendera mu caha hanyuma bakagenda bashinga intahe ko bafatanije n'Imana. Imana iragomba ko tugendera mu muco nk'uko tubisoma muri 1 Yohana 1 : 7 Ukwo kugendera mu muco n'ukwemera kumurikigwa n'ijambo ry'Imana . Iyo umuntu ari mu mwiza ntamenya ingorane zimugeramiye kuko atazibona ariko umuco wo werekana vyose vyaba bibi vyaba vyiza. Iyo umuco rero umuritse mu mutima ,tukabona ivyaha vyacu ni ahacu kuvyihana kugira ngo tubane amahoro n'Imana . Yohana yarakariye cane gose abantu bababeshi biyita ab'Imana kandi bagendera mu caha.
Intangamarara ya 1 y'igitabu
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye