Twaganiriye kuvyo kwanka icaha no kwitondera ivyagezwe vy'Imana. Twarabonye yuko ukwo kwumvira Imana mukwitondera ivyagezwe vyayo arico co tumenyesha yuko tuzi Imana. Twibukanije yuko muri kameremere kacu ataciza kibamwo kiretse twemeye kwakira agakiza kabonerwa muri Kristo Yesu tukavuka ubwa kabiri. Uwo Kristo Yesu rero yadupfiriye niwe mpongano y'ivyaha vyacu nkuko twabibonye 1 Yohana 2 : 6. Umukristo arakeneye kumenya neza adakekeranya ko ari mu muryango w'abana b'Imana ico bimumenyesha nuko yoba yitondera ivyo Imana imugera nivyo Imana imutegeka , nayo iyo ayigabagabira nawenyene ariyumvamwo ko adafantanije nayo vyukuri.
Umuhamagaro n'ugutumwa kwa Yona
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye