Twarabiye hamwe ibivuga ku vyo kwizera kw'umukristo. Ubwambere twarumvise yuko ukwizera Yesu Kristo ariko gutuma umuntu aba umwana w'Imana. Ivyo turabibona dusomye mu cete ca 1 ca Yohana 5:1. Ayo majambo agasa nayo mu butumwa bwiza bwa Yohana1:12. Niko biri abamenye Kristo bose bahindutse kuba abana b'Imana. Ukwizera Yesu Kristo rero n'ukwizera ivyo Bibiliya imutubwirako vyose utagabanijeko na kimwe. Wizera uwo mwami Yesu uwariwe kandi ukizera nico yakoze.
Isi iriko irashirana n'ivyayo
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye