My360 Helper


Urukundo rutuma abana b'Imana baguma muri yo

Twumvise ingenene urukundo rw'abana b'Imana ari ikintu gikomeye gituma n'Imana iguma muribo mbere rutuma nabo nyene baguma muri yo. Twarangirije ku murongo wa 21 w'igice ca 4 utwereka ko gukundana mu bana b'Imana ari icagezwe c'Imana , "kandi dufise iki cagezwe kuriyo ngo uwukunda Imana akunde na mwedata wundi". Twarumvise ko urukundo ari icamwa gihambaye ca mpwemu Yera nawe akaba mu bizeye Umwami Yesu Kristo.