Twaganiriye ku bintu bimwe vyerekana itandukaniro hagati y'abana b'Imana n'ab'isi. Tutiyubaye ngo tugenze impwemu ko zoba ari iziva ku Mana turashobora gusanga twifatanije n'impwemu za antikristo, tugashigikira ibikorwa vy'umwiza. Twarangirije ku majambo yo guhanura abana b'Imana ngo bakundane ariko atari rwa rukundo rwo mw'isi rujanye n'ivy'ukwubakana canke ubusambanyi canke ubundi bucuti, oya n'urukundo rw'Imana rutuma abayizera bose bababarana bakumva ko barumwe. Uwundafise urukundo rwo gukunda bene data turabona ivyiwe mu ncamake muri 1 Yohana 4 : 8 ngo uwudakundana ntazi Imana kuko Imana ari urukundo.
Ivy'ukwumvira Imana
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye
Itandukaniro ry'impwemu ziva ku Mana no kuri antikristo