My360 Helper


Ibiranga abana b'Imana

Twashimikiye ku kwihweza itandukanira hagati y'umwana w'Imana n'uwa wamugwanizi satani. Twarabonye yuko uwukora ivyaha ari uwa wamugwanizi ariko ngo umuntu wese yavyawe n'Imana ntakora ivyaha. Hano ijambo gukora ivyaha ni ukuvuga kugendera mu vyaha no kubinezerererwa. Umwana w'Imana aba amaze guhabwa n'Umwami Yesu akameremere gashasha kava ku Mana kadashobora gukora ivyaha ariko kubera akameremere ataho kaja kaguma gakwegera umuntu mu vyaha ariko ntaba akibinezerererwa bimubuza amahoro akaruhukaaruko avyihanye nayo uwo akinezerwa n'ivyaha uwo ni uwa wamugwanizi. Ikindi twabonye kiranga abana b'Imana n'ugukundana.