Twarabiye hamwe ubutumwa bwa mbere bwa Mika. Muri ubwo buhanuzi bwiwe, twabonye ko ibisgara ari ihwaniro ry'ivyaha. Twabonye ko Samariya na Yerusalemu vyari ibisgara vyubatswe ku musozi kandi kubw'ivyaha vyarimwo Imana ntiyavyihanganiye yabiciriye urubanza. Twarabonye ko imisozi iri kuri ivyo bisagara izoshengera munsi yiwe n'imyonga nayo isaduke. Ivyo rero vyarabaye kuko uyu munsi Samariya n'umusaka. Twabonye kandi ko mu gihe ca Mika, abantu aho kuja gusengera i Yerusalemu, bagenda ku misozi aho biyubakiye ibishushanyo ariko ivyo ntivyari mu kugomba kw'Imana. Ugusenga kwabo bwari ubusambanyi , bari baboshwe n'iminyororo y'ama dini. Imana rero yahanye ivyo bisagara.
Ubuhanuzi bwa Mika
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye