Ukwisonzesha Imana idashima
-
Zekariya 7:4-7
Close
Kwubakwa kwa Yerusalemu
Abayuda bazosubira kwubaka Yerusalemu n'urusengero rwaho igihe Kristo azozira gushinga inganji yiwe mw'isi.
Inyifato Imana idashima
Abantu b'I Beteli batumye abantu 2 babaserukira I Yerusalemu mu rusengero kubaza igituma bamaze igihe kirekire bisonzesha ariko Imana ntibibabare. Bari biteze imigisha barahebura.
Ibindi Zekariya yeretswe
Zekariya yeretswe amahembe ane n’abacuzi bane, kandi ayo mahembe ane ni yo yasabagije Abayuda , Abisirayeli n’abo i Yerusalemu. Ubwo ni ubwami bune bw'abanyamahanga basabagije Abisirayeli.
Yosuwa yambikwa urugori
Imana yashimye kwambika urugori Yosuwa umuherezi mukuru mu gishingo co kurwambika Zerubabeli, umutegetsi akomoka mu ruvyaro rwa Dawidi kugira yerekane ko ivyo ubwami bwa Dawidi vyahagaze.Iteka ryari ryimirije kuzoterwa Yesu azoba umwami n'umuherezi.
Umuntu agendera kw'ifarasi
Mu kwezi kw'icumi na rimwe Zekariya yeretswe umuntu agendera kw’ifarasi y’akagajo ahagaze hagati y’ibiti vy’imihadasi vyo mu gasoko. Uwo muntu ni Yesu Kristo yarriko agendagenda kw'isi ataraza kuyibamwo
Ivyo imikogote ine
Umumarayika yasiguriye Zekariya yuko ivyo yeretswe vyerekana yuko amahanga yagiriye nabi Abisirayeli azobihanirwa. Yosuwa yarambitswe urugori rwo kwerekana ko igikorwa ciwe c'ubuherezi ari igikomeye imbere y'Imana kuruta ico umwami.
Intangamarara
Iki gitabu canditswe na Zekariya umuherezi mu mwaka wa 520 imbere y'ivuka rya Yesu. Yeretswe ibizoba muri kazoza ku gihugu cabo, abaha amajambo y'ivyizigiro
Ica nyuma Zekariya yeretswe
Zekariya yeretswe imikogote ine ikwegwa n'amafarasi y'amabara atandukanye. Ivyo bikaba vyari ivyo kuremesha abantu bayo ko n'abanyamahanga na bo bazohanirwa ivyaha vyabo.
Imana yereka abantu yuko ivyo bakora banduye na vyo biba vyanduye
Uhoraho yahishuriye abantu biwe yuko kubera ivyaha vyabo ari ho n'imigisha y'ivyimburwa yaciye ibura, ati aba bantu ivyo bakora vyose biranduyre mu gihe imitima yabo yanduye. Ariko aravuga ati nzotigitisah isi hkandi nubike inganji y'abapagani hahangame inganji y'amahoro y'Imana.
Umugore ari muri efa
Zekariya yabonye umugore yicaye mu ngero yitwa efa, umumarayika aca amusobanurira ko vyerekana ibigabitanyo vy'aba mu gihugu cose. Uwo mugore yerekana ubugarariji, ivyo bigabitanyo bizokurwa mu gihugu.