Umuco w'ijambo ry'Imana
-
1 Yohana 3: 18 - , 4 : 1
Close
Ugufatanya n'Imana
Twuvimvise ukuntu Imana ishimikira kugukundana kw'abana bayo. Abavyawe n'Imana barangwa n'urukundo nk'uko Umwami Yesu yabivuze (Yohana : 13:35 ) Hano naho muri 1 Yohana 3:15 turabona ingene uwanka benedata aboneka nk'umubisha akomeye Imbere y'Imana. Amajambo ahari aravuga ngo uwanka mwenedata wundi n'umwicanyi kandi murazi ko atamwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muriwe uwo mwicanyi nawe Imana iramukunda ariko ikanka ubwicanyi bwiwe. Ni kubw'urwo rukundo rero Imana yatanze Umwana wayo Yesu Kristo ngo apfe kugirango abanyavyaha baronke agakiza n'abicanyi barimwo na benedata rero bandi dukwiye kutabanka ukwo yatwitangiye niko natwe dusabwa kwitanga mu buryo butandukanye mugufashanya na benedata .
Ubugingo budashira
Twashimikiye ku kwihweza itandukanira hagati y'umwana w'Imana n'uwa wamugwanizi satani. Twarabonye yuko uwukora ivyaha ari uwa wamugwanizi ariko ngo umuntu wese yavyawe n'Imana ntakora ivyaha. Hano ijambo gukora ivyaha ni ukuvuga kugendera mu vyaha no kubinezerererwa. Umwana w'Imana aba amaze guhabwa n'Umwami Yesu akameremere gashasha kava ku Mana kadashobora gukora ivyaha ariko kubera akameremere ataho kaja kaguma gakwegera umuntu mu vyaha ariko ntaba akibinezerererwa bimubuza amahoro akaruhukaaruko avyihanye nayo uwo akinezerwa n'ivyaha uwo ni uwa wamugwanizi. Ikindi twabonye kiranga abana b'Imana n'ugukundana.
Intangamarara
Twakiriye inyigisho zijanye no kwanka icaha arico mugararizo. Twashimikiye kw'ijambo rivuga yuko uwukora ivyaha ariwe wa satani ariko yuko uwavyawe n'Imana adakora ivyaha. Twibukanye yuko ukwo gukora ivyaha ari ukugendera muri vyo umuntu akabigumamwo akabinezerererwa mbere akavyirata. Twabonye yuko umuntu avutse ubwa kabiri akagira akameremere gashasha adaca ata ka kameremere ka kera nako nyene kagumaho kaguma kagwanya kamwe gashasha kava ku Mana. Nico gituma umwana w'Imana agwa avyuka ariko ntiyemere kugendera mu caha.
Yona araka
Mu kiganiro giheruka, ahanini twaganiriye kubw'urukundo rw'Imana ruhambaye muri ico gice ca 1 Yohana 3 :1, Imana yatugiriye neza kutugira abana bayo kubw'ubuntu bwayo gusa yaradukunze bihebuje kugez'aho idutangira umwana wayo w'ikinege kandi w'umugororotsi ngo abe impongano y'ivyaha vyawe nanje. Ico idusaba rero n'ukwizera uwo mwana wayo Yesu Kristo maze tugaheza tukitondera ivyagezwe vyayo. Umurongo wa kabiri nawo muri iki gice nawo ushimikira ku kintu gihambaye abana b'Imana biteze bazosa na Yesu kandi bazomuraba ukwari, ivyo bizoshobokera abiyejeje kuko Umwami Yesu nawe ari uwera. Imirongo ikurikira nayo ishimikira ku kwanka icaha tukamenya ko kinyuranye no kuba umwana w'Imana.
Ingene igisagara c'I Ninewe kitakomvomvowe
Twarakiriye inyigisho zitari nke zishimikiye ku gice ca 2 z'icete ca 1 ca Yohana. Ibikuru bikuru twokwibukanya nivyo vy'ibi bikurikira: 1) Twabonyeko Umwami Yesu Kristo ariwe mpongano y'ivyaha vy'abo mw'isi. Imana yamutanze kuko yamye ari umugororotsi, abandi bose bari bafise akameremere k'ivyaha kiretse uwo Mwami Yesu Kristo we Jambo yamyeho kandi ari Imana. 2) Twigishijwe yuko Imana igomba gufatanya n'abana bayo mu kwitondera ivyagezwe vyayo, mu kwitondera ijambo ryayo. 3) Urukundo dukunda Imana yo yabanje kudukunda arigwo rutuma dukunda bene data. 4) Twirinde gukunda isi, twitwararike ivy'ijuru kuko isi iriko irashirana n'ivyipfuzo vyayo.5) Kwirinda abiyita Kristo bakozana inyigisho zinyuranye n'ukwizera kuzima. Yohana akebura abana b'Imana bose ngo babe maso bagume muri Kristo Yesu bakore ivy'ukugororoka nk'uko nawe ari umugororotsi.
Yona yongera gutumwa n'Imana I Ninewe
Twaganiriye kuvyo kurobanurirwa kuba abana b'Imana.Twarabonye kandi ko ijambo ry' Imana ridusaba kuguma muri ryo, baba abazi bike canke vyinshi. Tugumane ubucuti n'Umwami Yesu , dushishikare gukora ivyo agomba kugira ntituzoteterwe ku munsi w'intebe y'amateka ya Kristo.
Imana n'Imana y'amahirwe ya kabiri
Twaganiriye kuvy'ukwirinda inyigisho z'abiyita abakristo, twarumvise ko muri iki gihe c'iherezo hamaze kuza benshi bigisha ivy'ukugwanya ukwizera kw'abakristo. Abo bigisha b'ibinyoma nibo twumvise ngo n'ababeshi kuko bahakana ko Yesu ari Kristo Umukiza w'abo mw'isi.
Ivyabaye kuri Yona ari mu kiyaga
Twaganiriye ku vyo kwirinda ngo ntidukunde isi n'ivyayo kuko bihinda bishira ariko ngo abakorera Imana bo bazobaho ibihe bitazoshira. Twaraganiriye kandi n'amajambo y'imburi zivuga ivy'abiyita kristo. Yohana arakebura ishengero muri ca cete ca 1 Yohana 2 :18 n'ubu hamaze guseruka ba antikristo benshi nico gitumye tumenya ko ari igihe c'iherezo.
Ni ryari Yona yasenze?
Twaganiriye kuvyo kwirinda kugira ngo ntidukunde isi, ahubwo twiteho gukunda data wa twese wo mw'ijuru. Niko mw'isi hari ivyiza vyinshi Imana yaremye kandi ibduha ngo tubiganze, tubikoreshe kandi tubinezerererwe ariko ivy'isi dukwiye kwanka n'ivyipfuzo bibi bigwanya ubugingo , bigwanya n'Imana. Twarabonye rero mu ncamake igituma tudakwiye gukunda isi nuko ivyipfuzo vyose biri mw'isi bitanduruka ku Mana ariko vyanduruka mw'isi. ( 1 Yohana 2:16 )
Yona ashika mu nda y'urufi
Twaganiriye kuvy' ukugendera mu muco w'ijambo ry'Imana. Twarumvise aha muri iki cete ca 1 ca Yohana 2 : 9 - 11, ingene uwanka umukristo mwene se aba ari mu mwiza naho yoba agenda ashinga intahe ko yoba ari mu muco w'Imana ariko ngo uwukunda mwene data wundi aguma mu muco nta gitsitaza kiba kirimwo. Ico nico gipimo umukristo wese yo kwipimako kugira ngo arabe yuko yoba agendera mu muco.