My360 Helper


Ibintu Imana yarega Abisirayeli.

Mbega umuntu yogunga Imana? Ariko mweho mwarangunze. Yamara muravuga muti twakugunze ibiki? Mwangunze ikigira cumi n’amashikanwa.

Ibizoba Yesu ni yagaruka

Umusi w'Uhoraho azoba ari umusi udasanzwe, Yerusalemu izohinduka isoko y'amazi y'ubugingo, abantu bo mu mpande nyinshi bazoduga I Yerusalemu gusenga Uhoraho

Ukwamirira kure abantu b’Imana baguma mu caha bakibona.

Abikwegera gutsindwa n’urubanza. Nzobegera nce amateka ; nzokwihutira kwagiriza abarozi : Ihanga ry’Abisirayeli ryagiye kubamwo abarozi aho ritanguriye kurongorana n’abanyamahangakazi.

Ibizoba mu gihe c'Iherezo

Imana irafise integuro ku bantu bayo. Amahanga azotera Yerusalemu ahatsinde ariko Uhoraho azohagurukanwa no kuhatabara

Ukuza kwa Yohana Umubatizi.

Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kandi Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezerererwa, ehe araje ni ko Uhoraho Nyeningoma avuze.

Ingorane kubazokwigira Abavugishwa n'Imana

Uwuzokwigira umuvugigishwa azobona ivyago bivuye ku bamwumviriza bakamuhinyura mbere n’abavyeyi bazohagurukira abana babo bavuga ibinyoma mw’izina ry’Uhoraho

Ivyaha vy'abantu b'Imana.

Abisirayeli bagiye bahemukira abagore babo bo mu bucance bakaja kurongora abagore b’abanyamahangakazi;bakababera inkwezi y’ibigirwamana mu Bisirayeli.

Imbizi yo kwoza ivyaha

Zekariya yavugishijwe yuko imbizi y’ukwoza ivyaha izotoborerwa abo inzu ya Dawidi mu gihe c’iherezo.Ivyo rero Yesu yazanywe mw'isi no kubishitsa.

Yuda arahemuka.

Yuda arahemuka, kandi bakora ibizira mu Bwisirayeli n’I Yerusalemu, kuko Yuda ahumanije ahera Uhoraho akunda, yabiriye umukobwa w’imana y’inyamahanga.

Abayuda bazokwambikwa inkomezi

Imana izokwambika inkomezi Abisirayeli baneshe abansi babo bose. Amahanga yaje gutera Yerusalemu azogesezwa. Abo inzu ya Dawidi na bo bazosukweko impwemu y'ubuntu n'iyo gusenga, bibonere Mesiya.

Abagabo barataye abagore babo b’isezerano.

Barongoye abakobwa beza bakiri bato. Ukwimatanya n’abanyamahanga ni kwo kwatumye ihanga rya Isirayeli rija mu vyo gusenga ibigirwamana.