Ikiza c'inzige

Twarabiye hamwe umubabaro w'abera n'umubabaro wa Kristo. Twabonye ko imibabbaro izana itandukaniro. Itandukaniro rero si ukuvuga ko twitandukanya tukava mw'isi kandi tukiri mur'ubu bugingo, ni kimwe gusa n'ukwiyambura inzigo yose n'ubugunge n'uburyarya n'ishari n'ibindi bitari mu kugomba kw'Imana, aho niho tuba tugize itandukaniro n'abandi. Twabon…Soma cane

Intangamarara y'igitabo

Twarabiye hamwe intangamarara y'igitabu c'uwavugishwa n'Imana Yoweli. Muri iyo ntangamarara, twabonye ko uwavugishwa n'Imana Yoweli ariwe yatanguye gukoresha imvugo y'ijambo rivuga ngo:Umunsi w'Uhoraho. Twabonye kandi ko ubuhanuzi bwa Yoweli bufise ibihimba bitatu(3) gusa bigufi bigufi bihambaye mugabo bifise ikibanza gihambaye muvyanditswe vyera.Mu buhanuzi bwa Yoweli twabonye ikiza c'inzige kitari bwigere kiboneka mu gihugu ca Isirayeli. Iki kiza caje kubera icaha c'Ab'Isirayeli. Yeweli rero yagereranije iki kiza c'inzige n'umunsi w'Uhoraho uzoba mu gihe c'amarushwa ahambaye nk'uko biboneka (Matayo 24) aho Umwami Yesu avuga ivy'amarushwa ahambaye .

Impanuro y' ukwihangana

Twarabiye hamwe umubabaro n'ivyanditswe. Twabonye ko abavugishwa n'Imana bose bo mw'isezerano rya kera bavugishijwe ku mibabaro ya Kristo n'ubwigenge bwiwe n'ubwiza buzoza igihe Kristo azoza nk'Umwami gushinga ubwami bwiwe ngaha kw'isi. Twabonye kandi ko mpwemu yari muri bo ariwe yababwira ivyo bandika kandi twabonye ko turi abakristo kubera mpwemu aba muri twebwe we aduhishurira ivya Kristo kandi ko dukwiye kumera nk'abana bagamburuka kubera mpwemu w'Imana aba muri twebwe. Ijambo ry'Imana ritegerezwa kwumvigwa mu mitima yacu .Dukwiye kuba abera nk'uko Imana yacu ari Iyera, ntidushobora kugera k'urugero rw'Imana mu kwezwa ariko nk'abakristo hari urugero rwacu dutegerezwa gushikako. Ijambo ry'Imana niryo rituma dushobora gukura mu vy'impwemu.

Yakobo ahana abatunzi

Twakomeje kurabira hamwe imibabaro no gukingigwa kw'abizera. Twabonye ko abizera bategerezwa kwihanganira ibigeragezo vyo kuri iyi si kuko arivyo bituma barama bakaba abkristo bashitse. Twabonyeko amageragezwa yo muri iki gihe atari ay'igihe kirekire kandi ko ataco dushobora gukora mu nkomezi zacu ngo dushike ku gukura kuko dfufise akameremere ka kera. Ivyo tubona n'amaso yacu si ivy'igiciro kuko n'ivy'akanya gato kandi n'ibishira ariko ibitaboneka nivyo ngirakamaro vy'ibihe bidashira. Dutegerezwa gukunda Kristo mu bugingo bwacu kugira ngo bidufashe mu migenderanire yacu n'Imana.

Kugwanya Satani no kwiyegurira Imana

Twarabiye hamwe ukuntu Imana ariyo ikwiye gutazigwa. Twabonye ko twavyawe kugira ngo tugire ivyiziro bizima bihagaze ku kuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo kandi twavyawe n'imbuto itabora. Twabonye kandi ko Imana yatubikiye umwandu utazobora izoduha muri kazoza. Twashishikaye kubona ko muri iy'isi tuzigamwa n'ubushobozi bw'Imana kubwo kwizera. Twarabonye kandi ko kubw'akamrmere kacui ka kera tudashobora kubaho ubugingo bw'ubukristo tudafashijwe n'ubushobozi bwa mpwemu w'Imana. Munyuma twabonye ko muri iyi si tuzogira amarushwa n'imibabaro mugabo ivy' ari ivy'igihe gito. Ivyo tubona hafi yacu ntaco bimaze, n'ivy'igihe gito s'ivy'igiciro ariko ivyo tutabona nivyo vy'igiciro n'ibintu vy'ibihe bidashira. Twarabiye hamwe mu nyuma ko umubabaro n'umutekeno iyo bifatanye bizana umunezero.Petero yatubwiyeko dukwiye kunezerwa no mu gihe c'amarushwa tubifashijwe n'igikorwa c'ubutatu butagatifu.

Kwirinda gucudika n'isi

Mu cigwa giheruka twize umurongo umwe gusa wa kabiri (1 Petero 1 :2) Muri uwo murongo Petero yavuze ku bantu no ku butatu bw'Imana. Twabonyeko kandi Imana ifise uburenganzira n'ububasha bwo gutegura kazoza kuri twebwe kuko ifise ubwigenge. Muri uwo murongo kandi Petero yavuze ku nyigisho zihambaye zo gutoranywa ukumenya kw'Imana kuva kera , kumenya ibikorwa Imana ikora imbere y'igihe. Twabonye ko Imana itagira intango n'iherezo kandi ko ariyo ishobora kumenya vyose.

Ingene ururimi rutwanduza

Twabonye intangamarara y'icete ca mbere ca Petero. Muri iyo ntangamarara twabonye ko Simoni Petero ariwe yanditse iki cete kandi tubona ko Petero yari intumwa ya Yesu Kristo. Iki cete yacandikiye Abayuda bari basanzariye mu bihigu bitandukanye vyo mu bwami bw'Ubwami bw'i Roma. Twabonye ko uyu Petero yagizwe umuhirwe na Kristo kuko yahishuye Yesu uwariwe mbere Yesu Kristo yaciye amubwira ko kuri we hazokwubakwa itanguriro ry'Ishengero ryiwe. Petero yari asanzwe ari umurovyi imbere yuko aba intumwa ya Yesu. Amaze kubonanan na Yesu akaba intumwa yiwe yabaye umurovyi w'abantu. Twarabonye ko izina Petro ari Petros risobanugwa "Ibuye". Petero rero avuga ko uwizera wese ari "ibuye". Naho izina rya Petero ryama riza imbere mu mazina y'izindi ntumwa, Petero ntiyigize yishira hejuru, Petero ntiyigeze yishira hejuru y'izindi ntumwa. Petero yanditse iki cete ari i Baburoni hagati y'umwaka wa 64 na 67 inyuma y'ivuka rya Yesu Kristo igihe c'ihamwa ry'Abakristo bahamwa n'umwami Nero yari ku ngoma. Bivugwa ko Petero yishwe kubera iryo hamwa. Twarangije rero intangamarara tubonye ko intumbero nkuru yi co cete ari ivyizigiro rukristo mu gihe c'amarushwa , igihe c'amageragezwa.

Intangamarara y'igitabo

c'igitabo ca Yoweli. Aho twaragirije ku majambo

Ivy'ukwizera n'ibikorwa vyakwo

Twarabiye hamwe ukuntu Imana izokiza abantu bayo, twabonye kandi ko Imana izohezagira igihugu kikongera kikabonekamwo imvura n'ivyimbugwa hamwe n'ibitungwa. Imana yasenzeranye ko izorungika mpwemu Yera, iryo sezerano ntirirashika .Imana yavuzeko izosuka Mpwemu wayo kubari n'umubiri bose. Iryo sezerano ntirirashika nk'uko bamwe bavyibaza nkuko benshi biyumvira ko ryashitse k'umunsi mukuru wa pentecokote. Mu buhanuzi bwa Yoweli, twabonye ko iryo sezerano ryo gusuka mpwemu Yera kubari n'umubiri bose rizoba mu gihe c'iherezo .

Ivyo kurobanura ku cubahiro

Ikiganiro giheruka, cari gishimikiye kuvyo kwirinda ngo ntitukarobanure abantu k'ubutoni. Twarumvise yuko Imana idahimbagwa nukubona abantu bacinyizwa kubera ko ari aboro. Mw'isi yose usanga abantu bato bato bafashwe nabi hagashirwa hejuru abatunzi n'abategetsi igitangaje kandi nuko usanga akarenganyo karashitse no mw'ishengero ry'abizera Umwami Yesu. Imana iragomba ko tumenya ko umutunzi atariwe ahiriwe,ubutunzi bwiwe ni ubw'igihe gito kuko ari ubwo mw'isi . Ni vyiza kandi kumenya yuko aboro bashobora kubamwo ubutunzi buhambaye muvyo kumenya Imana.

Iivyo gushira mungiro ijambo ry'Imana

Twarabiye hamwe ikiza c'inzige cashitse mu gihugu ca Isirayeli. Yoweli yagereranije ico kiza c'inzige n'umunsi w'Uhoraho, umnsi uzoba uhambaye kuko azoba ari umunsi wo guhona. Yohana nawe muvyo yahishuriwe yavuze ko izi nzige zari izidasanzwe. Twabonye ko zasabwe kudakora ku kintu na kimwe co kw'isi kibisi ahubwo zasabwe gusesereza abantu batadomweko ikimenyetso c'Imana mu ruhanga rwabo. Yohana avuga ko izo nzige zidasanzwe zaje nk'igitero c'ingabo. Twarabonye kandi ko Imana isaba abantu ngo bihane bahindukirire ku Mana kuko ar'Inyembabazi kandi ar'Inyabuntu.