Ubuhanuzi bw'ukuza kwa mbere kwa Kristo
-
Mika 5: 1 - 2
Close
Urukundo n'iki?
Mu cigwa c’uno musi tubandanya kwumva ivyo urukundo n’ukuri. Turaza kurabira hamwe ukuntu ubugingo bubonekera mu nyigisho za Kristo. Dusozera tubwirwa kwiyubara ngo ntiduhombe ivyo twakoreye
Ubuhanuzi bwa hafi ya kazoza
Twakomeje kurabira hamwe ubuhanuzi bwari hafi ya kazoza mu vyo Mika atubwira, twabonye kandi n'ubuhanuzi buri kure ya kazoza. Twarabonye ko ivyago vyashikiye ubwami bwo mu bumanuko vyagereranywa n'imibabaro y'umugore afashwe n'ibise ngo avyare. Umubabaro w'umugore agomba kuvyara umara igihe gito hanyuma akanezerwa amaze kuvyara. abantu bo mu bwami bwo mu bumanuko bategerezwa kugira imibabaro akanya gato hanyuma bakagira umunezero naho bagize ivyago Nebukadineza agafata igisagara c'i Yerusalemu kigasambugwa mbere bagatwarwa nk'inyagano yamara Imana yavuzeko mu gihe kigiye kuza izohana abateye Yerusalemu. Yabasezeraniye ko bazonesha ayandi mahanga muri kazoza, hazoba hari intambara inkomeye intambara ya Haramagedoni. muri iyo ntambara niho Imana izoha inkomezi Isirayeli zo kunesha ayandi mahanga.
Urukundo rukwiye kuguma mu karimbi k'ukuri
Mu cigwa c’uno musi tubandanya kwumva ukuntu urukundo rukwiye kugarukira mu karimbi k’ukuri. Mu murongo wa kabiri w’iri kete havuga ngo: “Kubwo ukuri kuguma muri twebwe, kukazogumana natwe ibihe bidashira (2Yohana 2).” “Kubwo ukuri” bisobanurwa kurwanira ukuri. Dukwiye kumenya ko ukuri gutegerezwa gukingirwa.
Ubuhanuzi bw'ubwiza bwa kazoza
Twarabiye hamwe ubuhanuzi b'ubwiza buzoba muri kazoza kubw'isezerano ryo muri kahise. Twabonye ko mu minsi y'iherezo umugwa wubatsweko ingoro y'Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y'umusozi ushigwe hejuru y'iyindi mirambi kandi amoko azosendanisha aja kuri wo. Twabonye ko amahanga azoduga ku mugwa w'Uhoraho. Uyu musi nta jambo ry'Imana risendanisha riva I Yerusalemu ariko mu gihe c'Iherezo rizosendanisha rivayo ngo rikwire isi yose ico gihe hazoba hari amahoro atigeze kubaho.
Intangamarara y'ikete rya 2
Mu cigwa c’uno musi tubandanya igice ca kabiri c’intangamarara ya mbere. Ubuherutse twarangije tuvuze ko dukwiye kwihweza irindi jambo rihambaye kugira ngo dutahure neza ico Yohana avuga ko dutegerezwa “kugendera mu muco nk’uko nayo iri mu muco”. Ukuri n’umuco ni bimwe, ni Ijambo ry’Imana, nk’uko tumaze kuvyumva no kubibona. Urukundo n’ukuri ntibitandukana. Kristo ni ihuriro rya vyose, Kandi vyose biva muri we. Ni we kuri kandi ni we rukundo. Imana ni urukundo kandi n’ukuri.
Ivyaha vy'abavugishwa b'ibinyoma
Twarabiye hamwe ivyaha vy'abavugishwa b'ibinyoma. Twabonye ko abao bavugishwa b'ibinyoma babwira abantu ko mu gihugu hari amahoro kandi atayariho, babwira abantu amajambo abaryohera , abahumuriza ariko ijambo ry'Imana rivugako at'amahoro k' umunyakibi. Twarabonye kandi ivyaha vy'abarongozi b'i Yerusalemu. Twarangije icigwa cacu tubonye ivyaha vy'abaganwa baganza ico gihe.
intangamarara y'icete ca 2
Twarabiye hamwe icete ca kabiri c'intangamarara hamwe n'umurongo wa mbere w'iki cete ca kabiri ca Yohana. Muri iyo ntangamarara, twarabonye ko urukundo ruvugigwa mu karimbi k'ukuri. Twarabonye kandi ko dutegerezwa kugendera mu kuri no mu muco nkuko Imana yacu nayo iri mu muco. Ikindi twabonye nuko urukundo n'ukuri bitigera bitandukana. Kandi urukundo ruvugwa hano n'urukundo rwo mu bana b'Imana. Yohana avuga mbere ko tudakwiye guha ikaze abigisha b'ibinyoma.
Isezerano ryo ku masigarira
Twarabiye hamwe isezerano Imana yagiranye n'amasigarira y'ab'isirayeli. Imana yavuzeko izokwegeranya amasigarira y'ab'Isirayeli kugira ngo ibakoranirize hamwe. Twarabonye kandi ubutumwa bugira gatatu bw'umuvugishwa n'Imana Mika muri ubwo butumwa bugira gatatu Mika ashira ahabona ivyaha vy'abarongozi b'ab'Isirayeli . Twabonye ko abarongozi b'ab'Isirayeli bacira abakene imanza zitabereye kandi aribo bari bazi imanza zibereye, twabonye ko banyaga aboro bitwaje ikibanza bafise mu burongozi. Abo barongozi bo mugihe ca Mika, banka ivyiza bagakunda ibibi , bafata nabi umukene.
Intangamarara y'iki cete ca 2
Mu kiganiro giheruka twarabiye hamwe igice ca mbere c'intangamarara c'icete ca kabiri ni cete ca gatatu canditswe na Yohana. Muri ico gice ca mbere c'intangamarara twabonye ko icete ca kabiri n'icete n'icete ca gatatu ,ari ivyete bigufi Yohana yanditse ariko naho ari bigufi n'ivyete ngirakamaro. Twarabonye ko umwanditsi w'ivyo vyete bibiri ari Yohana intumwa y'urukundo. Intumbero y'icete ca kabiri n'ijambo ry'ukuri , hagati y'urukundo n'ukuri , ukuri niko kuri hejuru.
Ubuhanuzi bugira kabiri bwa Mika
Twarabiye hamwe ubutumwa bugira kabiri bwa Mika.Twabonye ko Mika adoma urutoke ku vyaha abantu bakora. Mika yerekanye ko igituma Imana yaciriye ab'Isirayeli urubanza nuko basenze ibigigwamana. Mika yarongeye avuga ku vyaha vyo kunyaga amatongo n'amazu y'abapfakazi n'abakene. Twabonye kandi ko abatunzi iyo bagiye kuryama mw'ijoro ntibaba bagiye kuryama koko barara barategura bongera biga ingene buca bakora ibibi. Kubw'ivyo bibi rero bakora, Imana yateza ivyago batashobora kwigobotora mu mazosi. Ico cari igihano Imana ibahaye, batwawe nk'inyagano kandi mu gihugu c' i Ashuri kandi kubw'ibihumanya bakora vyabazaniye agatikizo k'agahebuza.