Twihanganire gutozwa indero nziza

Twarabiye hamwe ukuntu ab'Isirayeli bamaze iminsi myinshi batagira umwami, batagira uwuganza , batagira ikimazi , eka mbere ata n'inkingi y' ikigigwamana iharangwa.Twabonye ko kubw'ivyaha vyabo batwawe nk'inyagano bamara iminsi myinshi yamara bazogarukanwa mu gihugu cabo. Bazogaruka barondere Uhoraho Imana yabo. Twarangije icigwa tubonye ukuntu Isi…Soma cane

Dutumbere Yesu wenyene

Twarabiye hamwe ukuntu Gomeri umugore wa Hoseya yagarukanywe mu rugo. Imana yategetse Hoseya kugenda kumucura aramugarukana. Ivyabaye kuri Gomeri na Hoseya n'ubutumwa Imana yashatse kubwira ab'Isirayeli ibicishije muri abo bantu babiri. Gomeri yagereranywa na Isirayeli uwavuye ku Mana akaja kwivanga mu bigigwamana .Ariko hageze igihe Imana ivuga ko Isirayeli izogaruka kuri yo igaheba ibigigwamana igihe ni cagera bazohindukirira Imana .

Abandibenshi babaye abahizi mu kwizera

Mu cigwa cacu giheruka twarabiye hamwe ivya Gomeri maraya umugore wa Hoseya agereranywa n'igihugu ca Isirayeli. Twabonye ko Isirayeli yavuye ku Mana y'ukuri hanyuma igakurikira imana zitagira akamaro, imana zitavuga, imana z'ibigigwamana. Ariko kandi twabonye ko igihe kizoza, aho Isirayeli izogaruka ku Mana y'ukuri.

Ukwizera kwa Rahabu

Mu cigwa cacu giheruka twarabiye hamwe ivya Gomeri maraya umugore wa Hoseya agereranywa n'igihugu ca Isirayeli. Twabonye ko Isirayeli yavuye ku Mana y'ukuri hanyuma igakurikira imana zitagira akamaro, imana zitavuga, imana z'ibigigwamana. Ariko kandi twabonye ko igihe kizoza, aho Isirayeli izogaruka ku Mana y'ukuri.

Ukwizera kwa Isaka, Yakobo, Mose na Yosuwa

Twarabiye hamwe igice kigira kabiri c'intangamarara c'igitabo ca Hoseya. Muri iyo ntangamarara twabonye ko Imana yategetse Hoseya kurongora Gomeri , umugore maraya. Bavyaranye abana batatu , abahungu babiri n'umukobwa umwe.Amazina y'abo bana bose yarafise ico asobanura Imana rero yakoresheje abo bantu kugira ngo ishikirize ubutumwa bwayo abantu bayo b'Abisirayeli. Twarabonye ko icaha gihambaye kuruta ibindi vyose , n'ukuva ku Mana no murukundo rwayo yakunze abantu, maze abantu bagasenga ibigigwamana.

Ukwizera kwa Aburahamu

Twarabiye hamwe igice ca mbere c'intangamarara y'igitabo ca Hoseya. Twabonye icarico umupfasoni mu muryango. Imana ihingura neza abigeme bakiri bato ikabashira mu bigero vyaho baba abapfasoni bubatse maze bakaba ibikoresho bihambaye ikabagira abagore bashitse. Yamara igihe umugore akoze nabi haba ingaruka y'ivyago bidaharurika mu rugo. Intango y'ubuhanuzi bwa Hoseya, n'inkuru y'umugore yananiranye aragwa n'urugo na gwo ruraheza rumera nabi. N'inkuru itandukanye n'iciyumviro c'Imana kuvyerekeye ubukwe bw'umugabo n'umugore. Imana yakoresheje ibi kugira ngo ivuge inkuru yayo.

Ukwizera kwa Henoki na Nowa

Abizera basabwa kwumvira ababaganza bakabashikiriza ijambo ry'Imana kugira ngo boroherwe mu gikorwa cabo. Umwanditsi arangiza avuga ati mudusengere dushishikare kugira ingeso nziza muri vyose. Kandi abasabira gutunganywa rwose n'Imana kugira bashobore gukora ivyo igomba.

Ukwizera ni yo nsiguro y'ibitotahurika

Abizera Yesu dufise igicaniro kiri mw'ijuru aho Umuherezi wacu mukuru ari. Twame duha Imana ikimazi co co gukenguruka ari co camwa c'iminwa ishima izina ryayo.

Ukwizera ni iki?

Uwandikiye Abaheburayo yabahamagariye kwerekana ibikorwa biranga ukwizera kwabo: gukunda bene Data, kugirira neza abashitsi, kwibuka ababoshwe, n'abagirirwa nabi, gutanga indaro. Hanyuma abaha izindi mpanuro zerekeye inyifato zibereye abizera: kwubaha umubano w'abubakanya, kwirinda kuba inkunzi y'amahera.

Imburi ku bakora ivyaha ibigirankana

Ntitwanke kwumva iyiriko,iravuga, kuko imburi y'Imana ituzako kugira ngo dukire. Twibuke rya jambo ngo none tweho tuzokwikiza dute ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo?

Kwegera intebe y'Imana ata bwoba

Igihe ivyagezwe vyatangwa ku musozi Sinayi hari abantu ibihumbi bitatu bishwe kubera ivyaha. Ariko ku musi wa pentekota hakijijwe abantu ibihumbi bitatu. Ivyagezwe rero vyari ivyo kubacira urubanza ariko ubuntu bwabonekeye i Gologota buzana ubugingo budashira.