My360 Helper


Ukuza kwa mbere kwa Kristo

Twabonye ukuntu Imana yabakingiye Balamu igihe yagomba kubavuma. Imana yari muruhande rwabo irabagwanira. Ntawushobora rero kuvuma uwo Imana yahezagiye, ese ukuntu ari vyiza kuba Imana iri muruhande rwacu n'uyu musi, unezererwe ko Imana iba mu ruhande rwawe.

Ibishinga intahe

Muri kino cigwa, turabona ko Mpwemu Yera ari we ashinga intahe yuko uwizera Umwami Yesu Kristo afise ubugingo budashira.

Ubuhanuzi bwo kuza kwa mbere kwa Kristo

Twakomeje kurabira hamwe ubuhanuzi bwari hafi ya kazoza mu vyo Mika atubwira, twabonye kandi n'ubuhanuzi buri kure ya kazoza. Twarabonye ko ivyago vyashikiye ubwami bwo mu bumanuko vyagereranywa n'imibabaro y'umugore afashwe n'ibise ngo avyare. Naho bagize ivyago, Nebukadineza agafata igisagara c'i Yerusalemu kigasambugwa mbere bagatwagwa nk'inyagano yamara Imana yavuze ko mu gihe kigiye kuza izohana abateye Yerusalemu , yabasezeraniye ko bazonesha ayandi mahanga muri Kazoza. Hazoba hari intambara ikomeye, intambara ya Haramagedoni, muri iyo ntambara niho Imana izoha inkomezi Isirayeli zo kunesha ayandi mahanga.

Gutsinda isi.

Muri kino cigwa turabona ko Umuntu kugira ngo aronke agakiza gashitse habaho ukwizera ko yacunguwe n’amaraso ya Yesu Kristo, ariko kandi hakabaho kwakira Mpwemu Yera ngo akore mu bugingo bwiwe. Mpwemu Yera ni we adutahuza Ijambo ry’Imana twumva kandi akatwereka ingene twogenda mu kubaho kwacu nk’abakristo. Ni we atuma twizera yuko ugupfa n’ukuzuka kwa Kristo kurimwo ububasha buhambaye ku bugingo bwacu.

Ubuhanuzi bw'ukuza kwa mbere kwa Kristo

Twatanguye kurabira hamwe ubuhanuzi b'ukuza kwa mbere kwa Kristo. Twabonye ko vyari vyaravugishijwe ko Kristo azovukira I Betelehemu kandi nkuko twabibonye mw'isezerano risha, niko vyagenze.

Ukwizera kw'umukristo

Muri kino cigwa, tubanya turaba aho ukwizera kw'umukristo guhagaze. Ni mu gukunda Imana, gukunda mugenzawe, biserurwa no kwitondera ivyagezwe. Kandi ngo ivyagezwe vy'Imana ntibigoye.

Ubuhanuzi bwa hafi ya kazoza

Twarabonye ko ivyago vyashikiye ubwami bwo mu bumanuko vyagereranywa n'imibabaro y'umugore afashwe n'ibise ngo avyare. Umubabaro w'umugore agomba kuvyara umara igihe gito hanyuma akanezerwa amaze kuvyara. abantu bo mu bwami bwo mu bumanuko bategerezwa kugira imibabaro akanya gato hanyuma bakagira umunezeronaho bagize ivyago Nebukadineza agafata igisagara c'i Yerusalemu kigasambugwa mbere bagatwarwa nk'inyagano yamara Imana yavuzeko mu gihe kigiye kuza izohana abateye Yerusalemu. Yabasezeraniye ko bazonesha ayandi mahanga muri kazoza, hazoba hari intambara inkomeye intambara ya Haramagedoni. muri iyo ntambara niho Imana izoha inkomezi Isirayeli zo kunesha ayandi mahanga.

Urukundo rutuma tuba mu Mana

Mu cigwa c’uwu musi turabona ingene urukundo rutuma abana b’Imana baguma muri yo na yo ikaguma muri bo.

Ubuhanuzi bw'ubwiza bwa kazoza

Twarabiye hamwe ubuhanuzi b'ubwiza buzoba muri kazoza kubw'isezerano ryo muri kahise. Twabonye ko mu minsi y'iherezo umugwa wubatsweko ingoro y'Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y'umusozi ushigwe hejuru y'iyindi mirambi kandi amoko azosendanisha aja kuri wo. Twabonye ko amahanga azoduga ku mugwa w'Uhoraho. Uyu musi nta jambo ry'Imana risendanisha riva I Yerusalemu ariko mu gihe c'Iherezo rizosendanisha rivayo ngo rikwire isi yose ico gihe hazoba hari amahoro atigeze kubaho.

Urukundo rw'Imana n'urwo abantu

Icigwa c'uno musi, kiduhamagarira gukundana nkuko Imana yadukunze. Kandi urwo rukundo nirwo rwatumye Imana itanga umwana wayo w’ikinege kugira aducungure. Rero uwizera Yesu Kristo aronka ubugingo budashira.

Ivyaha vy'abavugishwa b'ibinyoma

Twarabiye hamwe ivyaha vy'abavugishwa b'ibinyoma. Twabonye ko abao bavugishwa b'ibinyoma babwira abantu ko mu gihugu hari amahoro kandi atayariho, babwira abantu amajambo abaryohera , abahumuriza ariko ijambo ry'Imana rivugako at'amahoro k' umunyakibi. Twarabonye kandi ivyaha vy'abarongozi b'i Yerusalemu. Twarangije icigwa cacu tubonye ivyaha vy'abaganwa baganza ico gihe.