Ivyo kurobanura ku cubahiro
-
Yakobo 2: 1 - 13
Close
Iivyo gushira mungiro ijambo ry'Imana
Twarabiye hamwe ikiza c'inzige cashitse mu gihugu ca Isirayeli. Yoweli yagereranije ico kiza c'inzige n'umunsi w'Uhoraho, umnsi uzoba uhambaye kuko azoba ari umunsi wo guhona. Yohana nawe muvyo yahishuriwe yavuze ko izi nzige zari izidasanzwe. Twabonye ko zasabwe kudakora ku kintu na kimwe co kw'isi kibisi ahubwo zasabwe gusesereza abantu batadomweko ikimenyetso c'Imana mu ruhanga rwabo. Yohana avuga ko izo nzige zidasanzwe zaje nk'igitero c'ingabo. Twarabonye kandi ko Imana isaba abantu ngo bihane bahindukirire ku Mana kuko ar'Inyembabazi kandi ar'Inyabuntu.
Akaga kugufata minenerwe ijambo ry'Imana
Twarabiye hamwe ivyerekeye gukora ico ijambo ry'Imana rivuga. Twarumvise ko ari ngombwa yuko dukora ivyo ijambo ry'Imana ritubwira nk'uko vyanditse mu cete ca Yakobo 1:22. Abatarakizwa bo ubutumwa bakwiye n'ubwo kwizera Umwami Yesu arikwo kwizera ijambo ry'Imana. Nayo ukwirukira gukora canke gushira mu ngiro ijambo ry'Imana ribasaba ntavyo baba barashobora, bakwiye gusa kubanza kwakira n'ukwizera Umwami Yesu. Twarabonye mu ceye ca Yakobo 1:23 na Yakobo 1:24 yuko hari akaga gakomeye mu kwirengagiza Ijambo ry'Imana ariko Yakobo 1:25 turabona ko ari umugisha ku bumva ijambo ry'Imana bakaryatondera.
Kwiyegereza Imana no gukora ivyo igomba
Mu cigwa cacu giheruka, twakomeje kurabira hamwe ibindi bintu Imana yasavye Ab'Isirayeli gukora mu gihe c'ikiza c'inzige. Yababwiye ngo bashinge igihe co kwisonzesha batangaze hose habe ikoraniro ry'agahebuza. Abashingantahe nabo bakoranye ababa mu gihugu ngo baze mu ngoro y'Uhoraho batakambire Uhoraho kuko ar 'Imana y' Inyembabazi. Twararabiye hamwe kandi umunsi w'umuntu , twabonye ko umunsi w'umuntu ari umunsi canke igihe umuntu ari we aca amateka. Twabonye ko uwo musi ariwo turimwo mu gihe ca none. twararavye kandi umunsi w'Uhoraho. ubwambere twabonye ko umunsi w'Uhoraho ari umunsi w'amarushwa ahambaye, Yoweli yavuze ko uwo munsi uzoza ari umunsi wo guhona , umunsi w'agatikizo hanyuma twabonye icarico umunsi w'Umwami Yesu Kristo. Vyongeye twarashishikaye turabona ko umunsi w'Uhoraho canke umunsi wa Yesu Kristo ari aho Yesu azozira gutora ishengero ryiwe ngaha kw'isi. Yoweli atubwira ko iki kiza c'inzige cashitse mu gihugu ca Isirayeli cashitse ku kintu cose cari gifise ubuzima mu gihugu.
Abakristo bavyawe ukundi gusha
Twrabiye hamwe intangamarara y'igitabo c'uwavugishwa n'Imana Yoweli.Muri iyo ntangamarara twabonyeko umuvugishwa n'Imana Yoweli ariwe yatanguye gukoresha imvugo: Umusi w'Uhoraho. Twabonye kandi ko ubuhanuzi bwa Yoweli bwari bufise ibihimba bitatu gusa bigufi bigufi mugibo bufise ikibanza gihambaye muvyanditswe vyera.Muri ubwo buhanuzi twarabonyemwo ikiza c'inzige kitari bwigere kiboneka mu gihugu ca Isirayeli bitewe n'icaha cabo.
Ivyo kugeragezwa no gukora icaha
Twarabiye hamwe intangamarara y'igitabu c'uwavugishwa n'Imana Yoweli. Muri iyo ntangamarara, twabonye ko uwavugishwa n'Imana Yoweli ariwe yatanguye gukoresha imvugo y'ijambo rivuga ngo:Umunsi w'Uhoraho. Twabonye kandi ko ubuhanuzi bwa Yoweli bufise ibihimba bitatu(3) gusa bigufi bigufi bihambaye mugabo bifise ikibanza gihambaye muvyanditswe vyera.Mu buhanuzi bwa Yoweli twabonye ikiza c'inzige kitari bwigere kiboneka mu gihugu ca Isirayeli. Iki kiza caje kubera icaha c'Ab'Isirayeli. Yeweli rero yagereranije iki kiza c'inzige n'umunsi w'Uhoraho uzoba mu gihe c'amarushwa ahambaye nk'uko biboneka (Matayo 24) aho Umwami Yesu avuga ivy'amarushwa ahambaye .
Ivyiza biva mu kwihangana
Ubuheruka, twarangije icete ca Yakobo , twumvise amajambo y'impanuro yerekeye ivyo kwihangana aho yerekanye ko ari ukwihangana gushika kw'iherezo. Ikindi twabonye n'ubushobozi bwo gusenga. Yakobo yavuze ngo: Ugusaba kw'Umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo (Yakobo 5:16).
Ivyiza biva mu kwihangana
Twaganiriye ku mahani yahawe abatunzi twishimikije ivyanditswe mu cete ca Yakobo 5:1-6. Muri iyo mirongo , Yakobo arereka abatunzi yuko itunga rikuru ari ukwubaha Imana. Nayo ahandi hoho ubutunzi butagiramwo kwubaha Imana buraboze. Kanatsinda bene bwo bitebe bitebuke bazobora nabwo buzotandukanywa nabo. Intumbero y'iki cigwa, n'ukugirango umu Kristo w'umutunzi yiyubare ntakoreshe kugunga abanyagihugu nkuko abanyepolitike n'abandi batunzi batazi Imana babigira. Vyongeye n'ukugira ngo umukristo yoye gukoresha nabi ubutunzi bwiwe yahawe n'Imana.
Intangamarara y'igitabo
Mu kiganiro giheruka twabonye mu gice ca 4, ivy'ukugwanya satani , ukwicisha bugufi hamwe n'ukwirinda gufata imigambi ya kazoza hatarimwo Imana.
Urukundo hagati y’abana b’Imana
Twaronse inyigisho zijanye nokwirinda ngo ntiducudike n'isi nk'uko tubibona Yakobo 4:4 havuga ngo : Yemwe basambanyi ntimuzi yuko gucudika n'isi ari ukwankana n'Imana. Nuko umuntu wese agomba kuba incuti y'isi aba yigize umwansi w'Imana.Iyo tugomvye rero kwifatanya n'ab'isi kugira ngo dushobore gushikira ivyo tugomba tuba tubaye abasambanyi. Kanatsinda twifadikanije n'ab'isi mu migambi yacu , tuba twemeye no gukoresha n'uburyo bakoresha mw'isi mukuyirangura. kuri bo rero kugunga, ukubesha no kwiba nibintu bisanzwe kandi biraborohera kubikora.
Isirayeli ihinduka umuzabibu utotahaye
Ubuheruka twaganiriye ivy'ugufata ururimi. Twongera turabira hamwe mu ncamake itandukaniro ry'ubwenge bwo mw'isi n'ubwo mw'ijuru.Twibukanije ko ururimi rushobora guturira igisagara canke rugaturira igihugu cose iyo rukoreshejwe nabi. Umukristo w'ukuri yirinda kuvuga vuga, akitwararika kwumva ijambo ry'Imana no kurinonosora. Ikindi twokwibukanya nuko ubwenge bwo mw'isi burangwa n'ubwibone n'izindi ngeso mbi ariko ubwenge bwo mw'ijuru bukarangwa no kugororoka n'amahoro biva ku Mana ( Yakobo 3:17)