Ubuhanuzi bwa Mika
-
Mika 1: 2 - 7
Close
Nta ciza dufise twoshikanira Imana
Twabonye ko ataco dufise twoshikanira Imana atari ugukora ibiroranye no gukunda kugira imbabazi no kugendana n'Imana twicishije bugufi. Twabonye ko ivyo vyose tutobikora tudafashijwe na Mpwemu w'Imana.Twararabiye hamwe kandi ivyaha Ab'Isirayeli bakora bica bituma Imana ibacira urubanza. Twabonye ko bari abantu babesha kandi bahendana, hagati muri bo hari umuryano, bahevye Imana ariko yarabanye; yemeye ko umwansi abatwara nk'inyagano i Ashuri.
Ibibazo bine Ab'Isirayeli bibajije
Twarabiye hamwe ibibazo 4 Ab'Isirayeli babajije kugira barabe ingene boshika imbere y'Imana, babaza ico boserukana imbere yayo. Twabonye ko umuntu ataco afise ciza comushikana ku Mana yitwa ngo n'ishikanwa ashikanye. Ntaco Imana idusaba gukora ngo dushike imbere yayo atari gukora ibiroranye no gukunda kugira imbabazi, no kugendana nayo twicishije bugufi nk'uko Mika yabivugishijwe ku bwoko bw'Ab'Isirayeli. Ubwo nibwo buryo rero ushobora gukora kugira ngo ushike ku Mana mugabo ubwo buryo dutegerezwa kubufashwamwo n'ubushobozi bwa Mpwemu w'Imana.
Tubabarane mugusengeranira.
Mu cigwa c'uno musi, duheraheza kwiga kw'ikete rya mbere ryanditswe na Yohana. Ahanini ayo majambo aratwereka agaciro gakomeye ko kuba umwana w’Imana.
Ukuza kwa mbere kwa Kristo
Twabonye ukuntu Imana yabakingiye Balamu igihe yagomba kubavuma. Imana yari muruhande rwabo irabagwanira. Ntawushobora rero kuvuma uwo Imana yahezagiye, ese ukuntu ari vyiza kuba Imana iri muruhande rwacu n'uyu musi, unezererwe ko Imana iba mu ruhande rwawe.
Ibishinga intahe
Muri kino cigwa, turabona ko Mpwemu Yera ari we ashinga intahe yuko uwizera Umwami Yesu Kristo afise ubugingo budashira.
Ubuhanuzi bwo kuza kwa mbere kwa Kristo
Twakomeje kurabira hamwe ubuhanuzi bwari hafi ya kazoza mu vyo Mika atubwira, twabonye kandi n'ubuhanuzi buri kure ya kazoza. Twarabonye ko ivyago vyashikiye ubwami bwo mu bumanuko vyagereranywa n'imibabaro y'umugore afashwe n'ibise ngo avyare. Naho bagize ivyago, Nebukadineza agafata igisagara c'i Yerusalemu kigasambugwa mbere bagatwagwa nk'inyagano yamara Imana yavuze ko mu gihe kigiye kuza izohana abateye Yerusalemu , yabasezeraniye ko bazonesha ayandi mahanga muri Kazoza. Hazoba hari intambara ikomeye, intambara ya Haramagedoni, muri iyo ntambara niho Imana izoha inkomezi Isirayeli zo kunesha ayandi mahanga.
Gutsinda isi.
Muri kino cigwa turabona ko Umuntu kugira ngo aronke agakiza gashitse habaho ukwizera ko yacunguwe n’amaraso ya Yesu Kristo, ariko kandi hakabaho kwakira Mpwemu Yera ngo akore mu bugingo bwiwe. Mpwemu Yera ni we adutahuza Ijambo ry’Imana twumva kandi akatwereka ingene twogenda mu kubaho kwacu nk’abakristo. Ni we atuma twizera yuko ugupfa n’ukuzuka kwa Kristo kurimwo ububasha buhambaye ku bugingo bwacu.
Ubuhanuzi bw'ukuza kwa mbere kwa Kristo
Twatanguye kurabira hamwe ubuhanuzi b'ukuza kwa mbere kwa Kristo. Twabonye ko vyari vyaravugishijwe ko Kristo azovukira I Betelehemu kandi nkuko twabibonye mw'isezerano risha, niko vyagenze.
Ukwizera kw'umukristo
Muri kino cigwa, tubanya turaba aho ukwizera kw'umukristo guhagaze. Ni mu gukunda Imana, gukunda mugenzawe, biserurwa no kwitondera ivyagezwe. Kandi ngo ivyagezwe vy'Imana ntibigoye.
Ubuhanuzi bwa hafi ya kazoza
Twarabonye ko ivyago vyashikiye ubwami bwo mu bumanuko vyagereranywa n'imibabaro y'umugore afashwe n'ibise ngo avyare. Umubabaro w'umugore agomba kuvyara umara igihe gito hanyuma akanezerwa amaze kuvyara. abantu bo mu bwami bwo mu bumanuko bategerezwa kugira imibabaro akanya gato hanyuma bakagira umunezeronaho bagize ivyago Nebukadineza agafata igisagara c'i Yerusalemu kigasambugwa mbere bagatwarwa nk'inyagano yamara Imana yavuzeko mu gihe kigiye kuza izohana abateye Yerusalemu. Yabasezeraniye ko bazonesha ayandi mahanga muri kazoza, hazoba hari intambara inkomeye intambara ya Haramagedoni. muri iyo ntambara niho Imana izoha inkomezi Isirayeli zo kunesha ayandi mahanga.