Urukundo rwa Data wa twese
-
1 Yohana 5: 13 - 21
Close
Incamake y'igice ca 2
Mu kiganiro giheruka twaciye hirya no hino ijambo rivuga yuko Umwami Yesu Kristo ariwe bugingo. Uwumwizera akmwakira nk'Umukiza aba yakiriye ubwo bugingo budashira. Twarumvise yuko hari abihenda ngo n'abana b'Imana kubera ko bari mw'ishengero kandi bahafise ibikorwa, ariko twibuke yuko uwo wese atarizera Umwami Yesu ngo amwakire mu bugingo bwiwe aba ataracika umwana w'Imana. Twarangirije k'umurongo 1 Yohana 5 : 12 ,haravuga ngo: Uwufise Umwana wayo niwe afise ubwo bugingo, uwudafise Umwana w"Imana ntafise ubwo bugingo.
Uguhagarara neza mu kwizera
Mu kiganiro giheruka twaciye hirya no hino ijambo rivuga yuko Umwami Yesu Kristo ariwe bugingo. Uwumwizera akmwakira nk'Umukiza aba yakiriye ubwo bugingo budashira. Twarumvise yuko hari abihenda ngo n'abana b'Imana kubera ko bari mw'ishengero kandi bahafise ibikorwa, ariko twibuke yuko uwo wese atarizera Umwami Yesu ngo amwakire mu bugingo bwiwe aba ataracika umwana w'Imana. Twarangirije k'umurongo 1 Yohana 5 : 12 ,haravuga ngo: Uwufise Umwana wayo niwe afise ubwo bugingo, uwudafise Umwana w"Imana ntafise ubwo bugingo.
Kwirinda inyigisho z'ibinyoma
Twakiriye inyigisho kuvy'ububasha buva ku kwizera umwami Yesu. Ubwo bubasha bushoboza abana b'Imana kunesha isi kandi bubaha no kuba abizigigwa mu buryo buhambaye. Twarabonye iryo jambo rivuga ivyo kunesha isi muri ki no cete ca 1 Yohana 5 : 4 , ngo kuko ica vyawe n'Imana cose kinesha isi iyo niyo ntsinzi yacu yatsinze isi n'ukwizera kwacu. Ukwizera rero nikwo kudushoboza kunesha umwansi wacu akomeye cane ari we si. Iyo umaze kiwizera Yesu umenya yuko isi itoba ikigufiseko ububasha namba kuko umaze kuvyagwa n'Imana kandi twumvise ngo ikinesha isi n'ukwizera kwacu.
Isi iriko irashirana n'ivyayo
Twarabiye hamwe ibivuga ku vyo kwizera kw'umukristo. Ubwambere twarumvise yuko ukwizera Yesu Kristo ariko gutuma umuntu aba umwana w'Imana. Ivyo turabibona dusomye mu cete ca 1 ca Yohana 5:1. Ayo majambo agasa nayo mu butumwa bwiza bwa Yohana1:12. Niko biri abamenye Kristo bose bahindutse kuba abana b'Imana. Ukwizera Yesu Kristo rero n'ukwizera ivyo Bibiliya imutubwirako vyose utagabanijeko na kimwe. Wizera uwo mwami Yesu uwariwe kandi ukizera nico yakoze.
Kwirinda gucudika n'isi
Twumvise ingenene urukundo rw'abana b'Imana ari ikintu gikomeye gituma n'Imana iguma muribo mbere rutuma nabo nyene baguma muri yo. Twarangirije ku murongo wa 21 w'igice ca 4 utwereka ko gukundana mu bana b'Imana ari icagezwe c'Imana , "kandi dufise iki cagezwe kuriyo ngo uwukunda Imana akunde na mwedata wundi". Twarumvise ko urukundo ari icamwa gihambaye ca mpwemu Yera nawe akaba mu bizeye Umwami Yesu Kristo.
Ivy'ukugendera mu muco
Twaganiriye kuvy'ururkundo rw'abana b'Imana twishimikije ivyanditswe mu cete ca 1 ca Yohana igice ca 4. Ubuheruka rero twabibukije yuko Imana yaseruye urukundo idukunda mu kudutangira umwana wayo w'ikinege ngo abe impongano y'ivyaha vyacu twarumvise ku murongo wa 11 amajambo avuga ngo : " abo nkunda ko Imana yadukunze ityo natwe dukwiye gukundana"
Ivy'ukwumvira Imana
Twaganiriye ku bintu bimwe vyerekana itandukaniro hagati y'abana b'Imana n'ab'isi. Tutiyubaye ngo tugenze impwemu ko zoba ari iziva ku Mana turashobora gusanga twifatanije n'impwemu za antikristo, tugashigikira ibikorwa vy'umwiza. Twarangirije ku majambo yo guhanura abana b'Imana ngo bakundane ariko atari rwa rukundo rwo mw'isi rujanye n'ivy'ukwubakana canke ubusambanyi canke ubundi bucuti, oya n'urukundo rw'Imana rutuma abayizera bose bababarana bakumva ko barumwe. Uwundafise urukundo rwo gukunda bene data turabona ivyiwe mu ncamake muri 1 Yohana 4 : 8 ngo uwudakundana ntazi Imana kuko Imana ari urukundo.
Ivy'ukwanka icaha
Mu kiganiro giheruka twarigishijwe ukuntu urukundo ari ikintu gihamabaye mu bana b'Imana. Twarigishijwe rero yuko urukundo rujana n'ukwiyubara. Urashobora kwunga ubucuti n'abagwanya ijambo ry'Imana ugasanga urikob urashigikira ibikorwa vyabo bibi. Yohana yarerekanye ingene twoshobora kubamenya muri aya majambo:1 Yohana 4 : 3 .
Umuco w'ijambo ry'Imana
Twaganiriye kuvyerekeye urukundo mu bana b'Imana.Twarumvise yuko urukundo ari ikimenyetso gikomeye kibaranga. Turibuka ingene urukundo ari co cagezwe umwami Yesu yashimikiyeko akanacita icagezwe gishasha nk'uko tubibona ( Yohana : 13: 34 - 35 canke mu cete ca 1 Yohana 3:23 ) Twarangije rero ikiganiro cacu twibukanya ivy'ugusuzuma abavugishwa n'Imana ko ari ab'ukuri ( 1 Yohana 4:1). Ugukundana nivyiza ariko tumenye ko tuba mw'isi y'ivyaha yuzuyemwo ababeshi, yuzuyemwo n'inkozi z'ibibi z'uburyo bwose. Nico gituma dutegerezwa kwiyubara mu ngendo zacu.
Ugufatanya n'Imana
Twuvimvise ukuntu Imana ishimikira kugukundana kw'abana bayo. Abavyawe n'Imana barangwa n'urukundo nk'uko Umwami Yesu yabivuze (Yohana : 13:35 ) Hano naho muri 1 Yohana 3:15 turabona ingene uwanka benedata aboneka nk'umubisha akomeye Imbere y'Imana. Amajambo ahari aravuga ngo uwanka mwenedata wundi n'umwicanyi kandi murazi ko atamwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muriwe uwo mwicanyi nawe Imana iramukunda ariko ikanka ubwicanyi bwiwe. Ni kubw'urwo rukundo rero Imana yatanze Umwana wayo Yesu Kristo ngo apfe kugirango abanyavyaha baronke agakiza n'abicanyi barimwo na benedata rero bandi dukwiye kutabanka ukwo yatwitangiye niko natwe dusabwa kwitanga mu buryo butandukanye mugufashanya na benedata .