Yesu Umuherezi w'ibihe bidashira
-
Abaheburayo 11:8-19
Close
Ubuherezi bwa Yesu buruta ubw'Abayuda
Henoki yatanguye kugenana n'Imana amaze imyaka 65 avyaye Metusela, aca agendana n'Imana imyaka 300 akora ivyo igomba, hanyuma iramutwara atabanje guca mu rupfu. Nowa na we yubashe Imana imuburiye ibitaribwaboneke, yubaka ubwato bwo kurokora umuryango wiwe. Yamae imyaka 120 yubaka ubwato kubwo kwizera
Yesu Umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki
Ukwizera ni yo nzira yo gutahura ibitotahurika mu bundi buryo na bumwe. Ni kwo kudutahuza inkomoko y'ijuru n'isi n'ibirimwo vyose mu gihe ivyo bitotahurwa n'ubwenge bw'abantu. Mu gusigura ukwizera icoo ari co uwandikiye Abaheburayo yakoresheje uturorero tw'ababaye abahizi mu kwizera
Ivyamwa vyiza vy'akakiza
Ukwizera ni ukumenya rwose ivyizigirwa udakekeranya ngo ntibizoba. Ukwizera ni kwo kudushikana ku Mana. Ntawoshikanwa ku Manan'imigirwa, imigenzo canke ibikorwa vyiwe bwite. Ukutizera na kwo ni icago gituma ata gukira gushoboka.
Akaga ko guheba Imana
Umaze kwakira Yesu nk'Umwami nrUmukiza wawe ukadwebera mu migisha y'impwemu, ni vyiza kubandanya ata gusubira inyuma. Kuko vyanditswe ngo uwusiribanze Umwana w'Imana azohanwa birushirije
Ingene Kristo yatubereye umuherezi mukuru
Uwizera Kristo asabwa kwegera intebe y'ubuntu n'umutima w'ukuri kandi utarimwo ijwi riwagiriza ikibi. Igikenewe kugira ngo wegere intebe y'Imana ata ngorane ni uko woyegera n'umutima w'ukuri ata buryarya,; bitayeko woyegera ata gukekeranya nk'uko Abaheburayo bamwe bemeye Yesu ariko bakaguma bizirikiye ku migenzo y'ivyagezwe vya Mose
Kristo niwe muherezi wacu mukuru aruta Abalewi
Mu bimazi vyatangwa n'Abalewi hari icibukiriza ivyaha uko umwaka utashe. Ingorane nuko ivyo bimazi bitatuma umuntu aheba ivyaha. Iyaba vyarashoboka baba bararetse kubitanga. Ariko ikmazi Kristo yatanze ni umuti ku caha kuko uwakiriye agakiza vy'ukuri ntasubira kugira inyota y'ivyaha.
Kristo n'umuherezi wacu mukuru aruta Aroni
Abakurikiye ivyagezwe vyo mw'isezerano rya Kera vyaba ivyo gutanga ibimazi canke ukwihumanura mu kwiyuhagira, ivyo vyose vyose yari amabwirizwa yo mu buryo bw'abantu gusa. Vyari ibigereranyo vy'ingene Yesu azoza akitanga akicwa atanzweko ikimazi rudende gikuraho ivyaha.
Ivy'uburuhukiro bw'Imana
Isezerano rya mbere ryari rifise ibirongora ivy'ubuherezi bwakorerwa mu ngoro yo mw'isi. Ariko mw'isezerano rishasha dufise Umuherezi Mukuru yatanze amaraso yiwe y'igiciro nta ngere. Ayo maraso ya Yesu ni yo afise ububasha bwo kwoza ivyaha.
Ingorane zashikiye Ab'Isirayeli kubera kutumvira Imana
Ahera h'urusengero rwa Salomo hari ihema ryubatswe kandi hari ahera ho mw'isi. Aruko hirya y'igitambara ca kabiri gikinze hitwa ahera h'ahera canke ahera cane. Muri ico kibanza hinjirwa n'umuherez mukuru wenyene. Ivyo vyose vyategura ahera ho mw'ijuru aho abizera bose bashobora kwishikira basenga Imana ikumva
Ntitugire umutima mubi w'ukutizera
Mu vyagezwe vya Mose abantu bakomeza gutanga ibimazi vy'ivyaha ariko ntibareke gukora ivyaha. Vyabaye ngombwa ko Imana itanga isezerano rishasha rishimikiye ku gakiza kabonerwa muri Kristo rituma abantu b'Imana bagira imitima mishasha bagaheba ivyaha