Yesu Umuherezi w'ibihe bidashira

Aburahamu yarumviy Imana imubwiye kuva mu b'i wabo n'aho atari azi iyo imujanye. Imana kandi yamusezeraniye ko izomugira sekuruza w'amahanga aravyemera mu kwizera n'aho umugore wiwe yari ashaje. Isaka umwana wiwe w'isezerano ni we yamutsweko n'Abayuda, nayo Ishimayeli uwo yavyaye ku ncoreke yiwe Hagari ni we sekuruza w'abarabu

Ubuherezi bwa Yesu buruta ubw'Abayuda

Henoki yatanguye kugenana n'Imana amaze imyaka 65 avyaye Metusela, aca agendana n'Imana imyaka 300 akora ivyo igomba, hanyuma iramutwara atabanje guca mu rupfu. Nowa na we yubashe Imana imuburiye ibitaribwaboneke, yubaka ubwato bwo kurokora umuryango wiwe. Yamae imyaka 120 yubaka ubwato kubwo kwizera

Yesu Umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki

Ukwizera ni yo nzira yo gutahura ibitotahurika mu bundi buryo na bumwe. Ni kwo kudutahuza inkomoko y'ijuru n'isi n'ibirimwo vyose mu gihe ivyo bitotahurwa n'ubwenge bw'abantu. Mu gusigura ukwizera icoo ari co uwandikiye Abaheburayo yakoresheje uturorero tw'ababaye abahizi mu kwizera

Ivyamwa vyiza vy'akakiza

Ukwizera ni ukumenya rwose ivyizigirwa udakekeranya ngo ntibizoba. Ukwizera ni kwo kudushikana ku Mana. Ntawoshikanwa ku Manan'imigirwa, imigenzo canke ibikorwa vyiwe bwite. Ukutizera na kwo ni icago gituma ata gukira gushoboka.

Akaga ko guheba Imana

Umaze kwakira Yesu nk'Umwami nrUmukiza wawe ukadwebera mu migisha y'impwemu, ni vyiza kubandanya ata gusubira inyuma. Kuko vyanditswe ngo uwusiribanze Umwana w'Imana azohanwa birushirije

Ingene Kristo yatubereye umuherezi mukuru

Uwizera Kristo asabwa kwegera intebe y'ubuntu n'umutima w'ukuri kandi utarimwo ijwi riwagiriza ikibi. Igikenewe kugira ngo wegere intebe y'Imana ata ngorane ni uko woyegera n'umutima w'ukuri ata buryarya,; bitayeko woyegera ata gukekeranya nk'uko Abaheburayo bamwe bemeye Yesu ariko bakaguma bizirikiye ku migenzo y'ivyagezwe vya Mose

Kristo niwe muherezi wacu mukuru aruta Abalewi

Mu bimazi vyatangwa n'Abalewi hari icibukiriza ivyaha uko umwaka utashe. Ingorane nuko ivyo bimazi bitatuma umuntu aheba ivyaha. Iyaba vyarashoboka baba bararetse kubitanga. Ariko ikmazi Kristo yatanze ni umuti ku caha kuko uwakiriye agakiza vy'ukuri ntasubira kugira inyota y'ivyaha.

Kristo n'umuherezi wacu mukuru aruta Aroni

Abakurikiye ivyagezwe vyo mw'isezerano rya Kera vyaba ivyo gutanga ibimazi canke ukwihumanura mu kwiyuhagira, ivyo vyose vyose yari amabwirizwa yo mu buryo bw'abantu gusa. Vyari ibigereranyo vy'ingene Yesu azoza akitanga akicwa atanzweko ikimazi rudende gikuraho ivyaha.

Ivy'uburuhukiro bw'Imana

Isezerano rya mbere ryari rifise ibirongora ivy'ubuherezi bwakorerwa mu ngoro yo mw'isi. Ariko mw'isezerano rishasha dufise Umuherezi Mukuru yatanze amaraso yiwe y'igiciro nta ngere. Ayo maraso ya Yesu ni yo afise ububasha bwo kwoza ivyaha.

Ingorane zashikiye Ab'Isirayeli kubera kutumvira Imana

Ahera h'urusengero rwa Salomo hari ihema ryubatswe kandi hari ahera ho mw'isi. Aruko hirya y'igitambara ca kabiri gikinze hitwa ahera h'ahera canke ahera cane. Muri ico kibanza hinjirwa n'umuherez mukuru wenyene. Ivyo vyose vyategura ahera ho mw'ijuru aho abizera bose bashobora kwishikira basenga Imana ikumva

Ntitugire umutima mubi w'ukutizera

Mu vyagezwe vya Mose abantu bakomeza gutanga ibimazi vy'ivyaha ariko ntibareke gukora ivyaha. Vyabaye ngombwa ko Imana itanga isezerano rishasha rishimikiye ku gakiza kabonerwa muri Kristo rituma abantu b'Imana bagira imitima mishasha bagaheba ivyaha