Ukwanka icaha ari co mugararizo
-
1 Yohana 3: 7-9
Close
Ubuhanuzi bwa Mika
Twarabiye hamwe ubutumwa bwa mbere bwa Mika. Muri ubwo buhanuzi bwiwe, twabonye ko ibisgara ari ihwaniro ry'ivyaha. Twabonye ko Samariya na Yerusalemu vyari ibisgara vyubatswe ku musozi kandi kubw'ivyaha vyarimwo Imana ntiyavyihanganiye yabiciriye urubanza. Twarabonye ko imisozi iri kuri ivyo bisagara izoshengera munsi yiwe n'imyonga nayo isaduke. Ivyo rero vyarabaye kuko uyu munsi Samariya n'umusaka. Twabonye kandi ko mu gihe ca Mika, abantu aho kuja gusengera i Yerusalemu, bagenda ku misozi aho biyubakiye ibishushanyo ariko ivyo ntivyari mu kugomba kw'Imana. Ugusenga kwabo bwari ubusambanyi , bari baboshwe n'iminyororo y'ama dini. Imana rero yahanye ivyo bisagara.
Urukundo rwa Data wa twese
Twarangije inyigisho zo mu cete ca 1 Yohana 5, aho twabonye ibitari bike kubijanye n'ubugingo bushasha duhabwa n'ukwizera Umwami Yesu hamwe n'agaciro gakomeye ko kuba umwana w'Imana.
Incamake y'igice ca 2
Mu kiganiro giheruka twaciye hirya no hino ijambo rivuga yuko Umwami Yesu Kristo ariwe bugingo. Uwumwizera akmwakira nk'Umukiza aba yakiriye ubwo bugingo budashira. Twarumvise yuko hari abihenda ngo n'abana b'Imana kubera ko bari mw'ishengero kandi bahafise ibikorwa, ariko twibuke yuko uwo wese atarizera Umwami Yesu ngo amwakire mu bugingo bwiwe aba ataracika umwana w'Imana. Twarangirije k'umurongo 1 Yohana 5 : 12 ,haravuga ngo: Uwufise Umwana wayo niwe afise ubwo bugingo, uwudafise Umwana w"Imana ntafise ubwo bugingo.
Uguhagarara neza mu kwizera
Mu kiganiro giheruka twaciye hirya no hino ijambo rivuga yuko Umwami Yesu Kristo ariwe bugingo. Uwumwizera akmwakira nk'Umukiza aba yakiriye ubwo bugingo budashira. Twarumvise yuko hari abihenda ngo n'abana b'Imana kubera ko bari mw'ishengero kandi bahafise ibikorwa, ariko twibuke yuko uwo wese atarizera Umwami Yesu ngo amwakire mu bugingo bwiwe aba ataracika umwana w'Imana. Twarangirije k'umurongo 1 Yohana 5 : 12 ,haravuga ngo: Uwufise Umwana wayo niwe afise ubwo bugingo, uwudafise Umwana w"Imana ntafise ubwo bugingo.
Kwirinda inyigisho z'ibinyoma
Twakiriye inyigisho kuvy'ububasha buva ku kwizera umwami Yesu. Ubwo bubasha bushoboza abana b'Imana kunesha isi kandi bubaha no kuba abizigigwa mu buryo buhambaye. Twarabonye iryo jambo rivuga ivyo kunesha isi muri ki no cete ca 1 Yohana 5 : 4 , ngo kuko ica vyawe n'Imana cose kinesha isi iyo niyo ntsinzi yacu yatsinze isi n'ukwizera kwacu. Ukwizera rero nikwo kudushoboza kunesha umwansi wacu akomeye cane ari we si. Iyo umaze kiwizera Yesu umenya yuko isi itoba ikigufiseko ububasha namba kuko umaze kuvyagwa n'Imana kandi twumvise ngo ikinesha isi n'ukwizera kwacu.
Isi iriko irashirana n'ivyayo
Twarabiye hamwe ibivuga ku vyo kwizera kw'umukristo. Ubwambere twarumvise yuko ukwizera Yesu Kristo ariko gutuma umuntu aba umwana w'Imana. Ivyo turabibona dusomye mu cete ca 1 ca Yohana 5:1. Ayo majambo agasa nayo mu butumwa bwiza bwa Yohana1:12. Niko biri abamenye Kristo bose bahindutse kuba abana b'Imana. Ukwizera Yesu Kristo rero n'ukwizera ivyo Bibiliya imutubwirako vyose utagabanijeko na kimwe. Wizera uwo mwami Yesu uwariwe kandi ukizera nico yakoze.
Kwirinda gucudika n'isi
Twumvise ingenene urukundo rw'abana b'Imana ari ikintu gikomeye gituma n'Imana iguma muribo mbere rutuma nabo nyene baguma muri yo. Twarangirije ku murongo wa 21 w'igice ca 4 utwereka ko gukundana mu bana b'Imana ari icagezwe c'Imana , "kandi dufise iki cagezwe kuriyo ngo uwukunda Imana akunde na mwedata wundi". Twarumvise ko urukundo ari icamwa gihambaye ca mpwemu Yera nawe akaba mu bizeye Umwami Yesu Kristo.
Ivy'ukugendera mu muco
Twaganiriye kuvy'ururkundo rw'abana b'Imana twishimikije ivyanditswe mu cete ca 1 ca Yohana igice ca 4. Ubuheruka rero twabibukije yuko Imana yaseruye urukundo idukunda mu kudutangira umwana wayo w'ikinege ngo abe impongano y'ivyaha vyacu twarumvise ku murongo wa 11 amajambo avuga ngo : " abo nkunda ko Imana yadukunze ityo natwe dukwiye gukundana"
Ivy'ukwumvira Imana
Twaganiriye ku bintu bimwe vyerekana itandukaniro hagati y'abana b'Imana n'ab'isi. Tutiyubaye ngo tugenze impwemu ko zoba ari iziva ku Mana turashobora gusanga twifatanije n'impwemu za antikristo, tugashigikira ibikorwa vy'umwiza. Twarangirije ku majambo yo guhanura abana b'Imana ngo bakundane ariko atari rwa rukundo rwo mw'isi rujanye n'ivy'ukwubakana canke ubusambanyi canke ubundi bucuti, oya n'urukundo rw'Imana rutuma abayizera bose bababarana bakumva ko barumwe. Uwundafise urukundo rwo gukunda bene data turabona ivyiwe mu ncamake muri 1 Yohana 4 : 8 ngo uwudakundana ntazi Imana kuko Imana ari urukundo.
Ivy'ukwanka icaha
Mu kiganiro giheruka twarigishijwe ukuntu urukundo ari ikintu gihamabaye mu bana b'Imana. Twarigishijwe rero yuko urukundo rujana n'ukwiyubara. Urashobora kwunga ubucuti n'abagwanya ijambo ry'Imana ugasanga urikob urashigikira ibikorwa vyabo bibi. Yohana yarerekanye ingene twoshobora kubamenya muri aya majambo:1 Yohana 4 : 3 .