Ivy'icubahiro ca Kristo

Twibukijwe ko Umwami Yesu Kristo atari umuherezi gusa . Yatanguye kuza mw'isi ari nk'umuvugishwa , arapfa , arazuka maze aba umuherezi. Tukaba turindiriye igihe ciwe kizoza aho azoba umwami w'amahanga yose.

intangamarara

Twarabiye hamwe ivy'uburuhukiro bw'Imana nico twokora twebwe kugira tubushikemwo. Ikidukwiye twabonye n'ukwizera ijambo ry'Imana tukayumvira muvyo itugera vyose. Twarabonye kandi mu Abaheburayo 4:12 ivy'ububasha bw'ijambo ry'Imana . Uwo murongo uvuga ngo: kuko ijambo ry'Imana ari rizima rifise ubukuba ,rifise ubugi buruta ubw'inkota zose, rikinjira naho ritanya ubugingo n'impwemu, rigatanya ingingo n'umusokoro, risuzuma ivy'umutima wiyumvira ukagabira. Iryo jambo rero ko rifise ububasha , rikagira ubugi kandi rikaba ariryo risuzuma ivy'imitima yacu yiyumvira, abana b'abantu nta burenganzira bafise bwo kurisuzuma no kuritora amakosa ahubwo dukwiye kuriha ikibanza nyabuna rikaba ariryo ridutora amakosa kugira ngo duheze duhungire muri Kristo Yesu adukize.

Daniyeli abwirwa ivy'amarushwa ahambaye

Twarabiye hamwe ingene ukutizera kwabereye Ab'Isirayeli inkwezi y'amarere. Imana yababajwe n'ukubona ingene bagiye bayigabagabira bakanka kwumvira ivy'ibagera vyose kandi nayo yarabakunda. Twasanze ukutizera arikwo kwatumye abari bavuye muri Egiputa barongowe na Mose batashitse mu gihugu c'I Kanani bari barasezeraniwe n'Imana. Turibuka ingene bari baracumukuriye muri Egiputa aho bari abaja maze Imana ikabakuzayo ukuboko kwayo kw'inkomezi ngo baje I Kanani aho yari yabateguriye igihugu c'uburuhukiro ariko twarabonye akaga ko kutizera dusomnye muri iki cete ca 3 :18-19.

Ivy'uwo antikristo

Twarihweje akaga kava ku kutizera. Ijambo ry'Imana riravuga yuko umutima utizera ar'umutima mubi. Heb 3:13, umutima mubi utizera utera kureka Imana. Dutegerezwa guhanurana ubudahengeshanya twisunze ijambo ry'Imana, ijambo ry'Imana niryo rifasha abantu kwitandukanya n'ivyaha .Heb 3:13 Imana kuva na kera yamye ibabazwa n'uko abantu bayo bagira imitima ikomantaye ituma batitaho kwubahiriza ico ijambo ryayo rivuga. Uwandikiye Abalewi yarabivuze: Abarewi 3:15. Ayo n'amajambo akomye ku Balewi no kuri twebwe twumva ijambo ry'Imana uyu musi.

Ivy'intambara zabaye hagati ya Egiputa na Siriya

Ubuheruka twumvise ivy'ububasha buhambaye bw'Umwami Yesu kandi tukabona n'ukugene aruta Mose. Twarumvise yuko Umwami Yesu ariwe muherezi mukuru yatwitangiye ko ikimazi c'ivyaha vyacu. Akaga ni ku bantu banka kumwizera kandi birigwa barumva ivy'inkomezi yakoze, abo rero baba banse kwinjira mu buruhukiro bw'imitima . Ukutizera nikwo kwatumye Imana igirira umwikomo ab' Isirayeli bavuye muri Egiputa ikabamarira mu bugaragwa ntibashike mu gihugu c'isezerano. Bamaze kurengana umusozi Sinayi , bagiye gutuma abatasi ngo baje gutata igihugu Imana yabasezeraniye babura kuyizera no kubandanya urugendo nk'uko yari yabategetse . Abatasi batumweyo Imana yarabaretse bashikiriza bagenzi babo inkuru z'agacavutu zivuga yuko badakwiye gupfa kwisukira mu gihugu c'isezerano kuko hariyo ibigabo vy'ibigatanya vyohava bibabera intambamyi. Urwo ruganwe rero rwose Imana yaciye iruzingira muri ubwo bugaragwa ruhonerayo nayo mu gihugu c'isezerano hashikayo abana n'abuzukuru babo. Ukutizera rero kw'ab'Isirayeli kwababereye inkwezi y'amarere.

Daniyeli abandanya iyerekwa.

Twarabiye hamwe ingene Kisto aruta Mose twishimikije muvyanditswe mu cete candikiwe Abaheburayo 3:1-6. Twarumvise ubwambere yuko Kristo ari umwana w'Imana nayo Mose akaba umushumba wayo . Kristo n'umuremyi ariko Mose akaba icaremwe. Abo bompi uko ari 2 vyanditswe ko bayobokeye Imana kandi bakaba mu rugo rwayo ariko bari batandukanye, twibuke amajambo yanditswe muri iki gice ca 3:6 . Abizera ijambo ry'Imana bakakira Umwami Yesu mu bugingo bwabo basangiye ihamagagwa riva mw'ijuru, abo nibo babangirije ubushizi bw'amamanga no kwirata ivyizigiro vyabo abo nibo kandi bitwa abo mu rugo rw'Imana.

Ivy'intumwa yo mw'ijuru

Twumvise ingene uwo Kristo arengeye n'abamarayika. Uwo niwe Mwami w'abami yahawe kuganza isi izobaho ariko abamalayika nabo n'abakozi gusa.

Daniyeli yitegurira kwerekwa

Twashishikaye kwiga kuvy'icubahiro ca Kristo n'ibihambaye yakoze mu gupfa akazuka . Twarumvise kandi uko Kristo yigize umuntu kugira ngo acungure isi. Bitayeko twaribukijwe yuko ukumwizera arikwo kwatumye tuba abana b'Imana maze tugaca twitwa bene se ba Yesu.

Inyishu y'ugusenga kwa Daniyeli

Twumvise ingene Kristo azoganza isi izobaho. Twarumvise ko iyo si ivugwa ari iyi nyene turimwo ariko Umwami Yesu akazoyisagazamwo amahoro ntangere aho azogarukira gushinga ubwami bwiwe. Abamalayika bo ngo ntibigeze bahabwa kuganza ahubwo bamye ari abakozi bo gutumwa gusa. Eka no mu gihe kizoza nt'amasezerano ahari yuko abamalayika bazoganza hano rero twongeye kubona ingene Kristo aruta abamalayika.

Ugusenga kwa Daniyeli

Tugize iminsi twigishanya kuvyerekeye icubahiro gihambaye ca Kristo. Tukaba twarabonye ingene aruta abavugishwa bose bamutanguriye n'ingene aruta abamalayika. Ubuheruka twarihweje ingene Imana ishingira intahe Kristo ko ariwe mwana wayo w'ikinege . Uwo nyene niwe Imana yatanze ngo apfe kubw' ivyaha vy'abo mw'isi.Mu gice ca 2:1-4 naho twarumvise ko tudakwiye kwanjanjwa ku gakiza kabonerwa muri Kristo Yesu.

Daniyeli asobanurirwa ivyo yeretswe

Twihweje ingene isi yabonye Imana muri Kristo n'ingene uwo Kristo aruta abamalayika . Ivyo vyose twabiganiriyeko twisunze ivyanditswe mu cete candikiwe Abaheburayo igice ca 1:3-7.