Ukwizera ni yo nsiguro y'ibitotahurika
-
Abaheburayo 13:9-16
Close
Ukwizera ni iki?
Uwandikiye Abaheburayo yabahamagariye kwerekana ibikorwa biranga ukwizera kwabo: gukunda bene Data, kugirira neza abashitsi, kwibuka ababoshwe, n'abagirirwa nabi, gutanga indaro. Hanyuma abaha izindi mpanuro zerekeye inyifato zibereye abizera: kwubaha umubano w'abubakanya, kwirinda kuba inkunzi y'amahera.
Imburi ku bakora ivyaha ibigirankana
Ntitwanke kwumva iyiriko,iravuga, kuko imburi y'Imana ituzako kugira ngo dukire. Twibuke rya jambo ngo none tweho tuzokwikiza dute ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo?
Kwegera intebe y'Imana ata bwoba
Igihe ivyagezwe vyatangwa ku musozi Sinayi hari abantu ibihumbi bitatu bishwe kubera ivyaha. Ariko ku musi wa pentekota hakijijwe abantu ibihumbi bitatu. Ivyagezwe rero vyari ivyo kubacira urubanza ariko ubuntu bwabonekeye i Gologota buzana ubugingo budashira.
Ikimazi Kristo yatanze kiruta ibindi vyose vya Mose
Dufise Data wo mw'ijuru adukangirira ikigira ikimazi kugira ngo tuzosangire na we ukwera kwiwe
Yesu yitanzeko ikimazi gikuraho ivyaha
Dusabwa gufatira akarorero kuri Yesu yihanganiye ibihari bohambaye abanyavyaha bamuhaririza. Twemere gukangirwa n'Imana nk'umuvyeyi wacu. Ahandi ho ntitwoba turi abana bayo kuko uwo umuvyeyi akunda ni we ahana kugira ngo akurne indero nziza.
Amaraso ya Yesu afise ububasha bwo kwoza ivyaha
Uwandikiye Abaheburayo yarerekanye ko Yesu wenyene ari we nzira yo kudushikana kuri Data wo mw'ijuru. Aravuga ngo dutumbere Yesu wenyene kandi twiyambure ivyo vyose vyoturemera kandi turi mw'ihiganwa. Imana iragomba abakristo babandanya urugendo ata gucika intege, kuko bazi ko impera yabo iri imbere.
Ahera ha mbere cari ikigereranyo c'ahera ho mwijuru
Hari abantu benshi berekanye ukwizera kwabo, bamwe bakavyerekanira mu kunesha intambara baciyemwo, abandi bakemera kubabazwa kubw'ukwizera kwabo. Abo bose Imana irabashingira intahe, ariko ntibarahabwa ivyasezeranywe vyo gutunganywa rwose kugeza aho tuzoba twaramaze gushika mw'ijuru kugira ngo tubihererwe hamwe
Uko isezerano Risasha riruta irya Kera
Rahabu yari umumaraya yaba i Yeriko. Yri akenhgeretse na cane cane kubera umwuga wiwe ugayitse. Ariko yakiriye neza Abisirayeli baje gutata igisagara. Imana yabimuharuyeko nk'ukugororoka
Umuherezi mukuru w'agakura
Isaka yahezagiye Yakobo na Esawu muu kwizera nta migisha ya buno nyene yari abafitiye. Yakobo na we nyene yahezagiye abana biwe n'aba Yosefu kuko yari yizeye Imana atakiri umubeshi nka kera. Yosefu Yagumye ari umwizigirwa kuko yari yizeye Imana iri kumwena we. Hanyuma kubw'ukwizera asaba ko amagufa yiwe azojanwa mu gihugu c'isezerano. Mose na we amaze kuvuka abavyeyi biwe baramunyegeza mu kwizera, kandi kanatsinda Imana yari imufiseko umugambi munini. Yosuwa na we ategekwa n'Imana uko bazonesha Yeriko bibanje guca mu kuzunguruka igisagara, aravyizera, kandi bica birashoboka
Yesu Umuherezi w'ibihe bidashira
Aburahamu yarumviy Imana imubwiye kuva mu b'i wabo n'aho atari azi iyo imujanye. Imana kandi yamusezeraniye ko izomugira sekuruza w'amahanga aravyemera mu kwizera n'aho umugore wiwe yari ashaje. Isaka umwana wiwe w'isezerano ni we yamutsweko n'Abayuda, nayo Ishimayeli uwo yavyaye ku ncoreke yiwe Hagari ni we sekuruza w'abarabu